Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kanye West ipantaro yamutabukanye ari mu giteramo
Kanye West ipantaro yamutabukanye ari mu giteramo
lundi 21 Gitugutu 2013
Igihe yariko ateramisha abakunzi biwe i Seattle, Kanye West yagiye yumva ipantaro yari yambaye itabutse hagati y’amaguru, imbere y’abantu isinzi bariko barakurikira igiteramo ciwe.
Uyo muririmvyi yaheruka kwibaruka umwana muri uku kwezi kwa Ruheshi uyu mwaka, yoba yarongeyeko ibiro ku buvyibuhe yari asanzwe afise nk’uko bamwe mu bari ngaho bavyibajije. Ariko inyuma yo gusigara mu kabutura ko munsi iyo yambaye icitse umushambara, Kanye West yarasohotse i Seattle Key Arena akanya gato, aja ahantu, ariherera.

Abatari bake mu bari ngaho, bakaba bibajije ko Kanye West yoba yashatse kuryosha ibirori, abandi nabo bati, ahubwo yoba agira ahe umuderi mushasha abasanzwe ari abaririmvyi, aho bamwe usanga bazana utuntu dushasha, buri abambara amapantaro ahogiye imbere hakaja inyuma, buri abahungu baza bambaye imishatsi y’abigeme, buri ababa bigize neza abigeme n’ibindi.
Ariko rero ivyashikiye Kanye West, ntivyatumye urubanza ruhagarara, kuko vyarabandanije, mpaka biraherera kugihe cavyo, igihe vyari vyateguriweko kurangirirako.

Chérif Nkeshimana
Messages
22 Gitugutu 2013, 07:01, par imngo
yamaramaye
12 Rusama 2015, 20:16, par SOMA
Birashika Ko Kwari Ukuryosha Ibintu Kuko Yaciye Asubira Guteramisha