IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidum mu giteramo ca Saint Valentin kuri Ego Hotel

Kidum mu giteramo ca Saint Valentin kuri Ego Hotel

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi wa Saint Valentin,umuririmvyi Jean Pierre Nimbona azwi kw’izina rya Kidum,yararemesheje igiteramo kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2013,muri Ego Hotel mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 47.6 ko

N’aho vyari bitegekanijwe ko igiteramo gitangura isaha imwe y’ijoro,cagiye gutangura igihe c’isaha zitatu z’ijoro imbere y’abantu isinzi bari barindiranye igishika cinshi umuririmvyi Kidum yari yaje ari kumwe n’abakobwa batatu bamufasha kuririmba.

Igiteramo catangujwe n’ijambo ritoya ryo kwipfuriza umunsi mwiza abari aho, hashikirijwe na Kidum,aca asaba umuririmvyi R-Flow gutanguza igiteramo.

JPEG - 40.9 ko

Umuririmvyi R-Flow ahajeje kuririmba,ico abari baje muri ico giteramo bari barindiriye caciye gishika,Kidum mu ndirimbo yiwe« Murika mwizi »yaciye akangura abari aho mbere bamwe batangura gutamba.

JPEG - 44.2 ko

Ibintu vyagiye kwunyuka aho aririmbiye indirimbo «Mukobwa ingendo yawe» akurikizako indirimbo« Kicuna» aho bamwe muri baje ng’aho baciye batangura gutamba.

Twobamenyesha ko hari abandi baririmvyi bari bitavye igiteramo,twovuga Bruno Simbavimbere arongoye ishirahamwe Amical des musiciens du Burundi,Serges Nkurunziza na Yoya.

JPEG - 39.2 ko

Igiteramo cagiye kurangira nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro abantu banezerewe,batamvye,baryohewe,bamwe biboneka ko badashaka gutaha.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.