IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidum yagarutse, Isabukuru Buja Summer Fest iregereje

Kidum yagarutse, Isabukuru Buja Summer Fest iregereje

vendredi 13 Ruheshi 2014

Abarundi bati : "Amazi arashuha ntiyibagira ibumbeho", umuririmvyi Kidum inyuma yo kuzunguruka isi mu biteramo yagiye agirisha, ahindukije amaso none aje guteramisha abarundi ku munsi mukuru mpuzamakungu w’umuziki.

Nimbona Jean Pierre azwi kw’izina rya Kidum yatangaje ko azokwifadikanya n’abaririmvyi hamwe n’abakunzi b’indirimbo mu guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu w’umuziki. Kidum azoteramisha mu nzu y’ubutambiro Havana Club. Ku mpapuro ntangazabiteramo handitse ko "Gala Night VIP Concert", kwinjira ari amahera y’amarundi 20.000

Kuri iryo genekerezo rya 21 Ruheshi, Kidum azoba ari kumwe n’umurwi wiwe Boda Boda Band, kuri uwo munsi nyene uwo muririmvyi mpuzamakungu azoca avuga ku bijanye n’isabukuru Buja Summer Fest izoba muri iri ci ku ncuro ya kabiri. Mu mwaka w’2013, isabukuru Buja Summer Fest yabaye kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro 2013, kuri Lycee Scheppers Nyakabiga.

Amwe mu mashusho yaranze Buja Summer Fest yo mu mwaka uheze


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.