IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kiyoyo Juma yizeye ko Kidum atazomugira nka Fariouz

Kiyoyo Juma yizeye ko Kidum atazomugira nka Fariouz

lundi 20 Gitugutu 2014

Ibiteramo biremeshwa n’abaririmvyi b’Abrundi birabandanya gutunganywa naho hari ibiheruka gusiba. Kiyoyo Juma ariko ategurira Kidum ibiteramo bitatu mu bisagara bitatu vyo mu gihugu ca Afrika y’epfo.

JPEG - 112.1 ko
Kidum

Igiteramo ca mbere ca Kidum kizobera mu gisagara ca Cape Town kw’igenekerezo rya 08 Munyonyo, ibindi biteramo bizoba ari ku magenekerezo akurikira : i Durban igenekerezo rya 14 Munyonyo hamwe n’i Pretoria kuwa 15 Munyonyo naho impapuro zibitangaza zitarahera gukorwa nk’uko Kiyoyo Juma abitumenyesha.

Kiyoyo Juma avuga ko ata bwoba afise ko Kidum ashobora gusiba nk’uko Fariouz yabigize, Kiyoyo ati :" Oya kidumu n’umushinganahe tuvugana iminsi yose, ndamukeneye ndamuronka". Kiyoyo Juma ntashima kuvuga ku bijanye n’amasezerano bagirana n’abo baririmvyi ku bijanye n’amahera. Agira ati :" Ni ibanga". Arongera akavuga ko bivana n’umuririmvyi bagiye gukorana, nka Kidum akunda ko amuriha imbere, mu gihe Fariouz nawe bagabura ayo bashoboye gutoza mu giteramo. Icagumye ari ibanga ni ayo amahera abariha. Kiyoyo Juma azoshika muri Afrika y’Epfo kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu.

JPEG - 37.3 ko
Kiyoyo Juma

Tubibutse ko Fariouz aheruka gusiba mu biteramo vyari vyateguwe na Kiyoyo Juma muri Afrika y’Epfo ku mvo zitaratomoka neza kuko ivyo Kiyoyo yagiriza uwo muririmvyi yarabihakanye nawe akamwagiriza ibindi. Hari mu magenekerezo ya 18 na 24 Nyakanga mu bisagara vya Durban, Johannesburg na Cap Town.

Raba aha munsi ibijanye n’amasaha n’amahera yo kwinjira.

Umviriza urabe n’isanamu y’ururirimbo "Mungu Anaweza" ya Kidum


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Umuririnvyi akomeye wambere i Burundi :Kidumu Kibido Jean Pierre
    Umuririnvyi yakoze ama video meza kuva kera gushika uyumusi :Lolilo
    Umuririnvyi yakoze ibiteramo vyinshi mugihugu hagati :Fizzo
    Umuririnvyi w’umwigeme yarutse vuba ariko ashoboye Ashly Girukwishaka
    Umuririnvyi aguma atera imbere kumusi kuwundi :Satura Sat -B
    Umuririnvyi aba hanze ariko ashoboye :Niyomwungere Leonard

  • Karibu mutama aha I Pretoria turakurindiranye igishika muga ntutugire nka Fizzo turazi wewe urumushingantahe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.