IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Koffi Olomide aricuza ku nyifato yerekanye

Koffi Olomide aricuza ku nyifato yerekanye

mardi 26 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Koffi Olomide ntakigirishije ibiteramo mu gihugu ca Zambia, ku mvo z’uko abariko barabitegura babihagaritse bivuye ku gikorwa kibi yakoze co gukubita umwe mu batamvyi biwe.

Abategetsi ba Kenya basubije iwabo uwo muririmvyi rurangiranwa wa Rumba ku munsi wa gatandatu, inyuma y’aho habonekeye video yiwe, aho yariko aratera umugere umwe mu batamvyi biwe.

Ishirahamwe ry’uburimyi n’ubudandaji ryo mu gihugu ca Zambia ryavuze ko "ivyo bintu bibi vyashitse" arivyo vyatumye hafatwa iyo ngingo.

Uwo muririmvyi rurangiranwa wo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, Koffi Olomide, yaheruka kwirukanwa muri Kenya, inyuma yo gupfungwa ijoro rimwe

Nk’uko bitangwazwa nk’ikinyamakuru co kuri internet co muri Kenya, Standard Digital, Koffi yasubijwe iwabo muri Kongo ajanywe n’indege ya Kenya Airways, yahagurutse ku kibuga c’indege Jomo Kenyatta hafi isaha zitandatu z’umurango, i Nairobi.

Koffi yafashwe yagirizwa gukubita umugere umwe mu batamvyi biwe, bifatwa kuri video yakwiragijwe kuri internet. Intango ya vyose, nk’uko tubikesha BBC, bivugwa ko uwo mutamvyi yakuswe umugere na Koffi yabanje yashwanye na Cindy le Coeur, umuririmvyi ashika ku mutima cane Koffi Olomide, akaba ari umwe mu bagize umurwi umufasha mu biteramo.

Ubwo nyene, Koffi yaciye aheba ikiganiro yariko araha abanyamakuru, aza n’ishavu ryinshi ashika atera umugere uwo mutamvyi, imbere y’abaporisi n’izindi ngenzi.

JPEG - 16.8 ko
Koffi Olomide aricuza ku nyifato yerekanye

Si ubwa mbere uwo muririmvyi yagirizwa guhohotera umuntu, akaba yarigeze gushirwa imbere y’ubutungane muri Kongo yagirizwa gukubita uwumutegurira ibiteramo.

Iyo video niyo yatumye igiporisi ca Kenya kimufata, arazwa mw’ibohero ryo ku kibuga c’indege ijoro rimwe.

Iyo video igisohoka, Koffi yaciye aja ku mbuga nkoranyambaga asigura ko ahubwo yariko aratabara abatamvyi biwe bari bahohotewe, agasigura ko atashaka kugira uwo akubita.

Ivyo ariko ntivyanyuze Abanyekenya, babandanije bamwiyamiriza ku mbuga ngurukanabumenyi.

Abajewe ubutungane muri ico gihugu baciye bafata ingingo yo kumwaka urusha rwo kwinjira muri Kenya, aca asubiza iwabo muri Kongo kubera icaha co guhohotera umuntu.

Koffi Olomide yarasavye imbabazi kuri iyo nyifato, akaba ku rubuga rwiwe rwa Facebook, ku munsi w’Imana, yarasavye imbabazi abakunzi biwe, cane cane "abapfasoni n’abana", abasaba kumubabarira.

Yagize ati : "Ndicuza cane ku vyashitse...nari nataye umutwe,"

Uwo muririmvyi rurangiranwa yarasavye kandi ikigongwe imbonankubone abantu bo muri Congo boba barababajwe "n’iyo nyifato iteye isoni".

Koffi Olomide yavukiye i Kinshasa mu 1956, yaronse amahirwe yo kuja kwiga ibiharuro mu Bufaransa. Atashe muri Congo yahora yitwa Zaire, aca aja mu mugwi w’umuziki wa Papa Wemba mu ntango nk’umwanditsi w’indirimbo.

Mu nyuma yatanguje umugwi wiwe mu myaka y’1980, aca atangura kuba rurangiranwa.

Ariko ivyo akora ntivyagumye vyakirwa neza gusa, kuko zimwe mu ndirimbo ziwe ziserura biboneka icipfuzo c’imibonano mpuzabitsina, izo ndirimbo zikaba zarabujijwe mu bihugu bimwe bimwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.