IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Koffi Olomide yavuye mw’ibohero

Koffi Olomide yavuye mw’ibohero

samedi 30 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi rurangiranwa Antoine Christophe Agbepa Mumba azwi cane kw’izina rya Koffi Olomidé yavuye mu munyororo, inyuma y’iminsi ibiri yari amaze apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Makala, mu gisagara ca Kinshasa.

Koffi Olomidé w’imyaka 60 yapfunzwe mu gitondo co kuwa kabiri igenekerezo rya 26 Mukakaro 2016. Abajejwe umutekano bamufatiye ku rugo iwe mu gisagara ca Kinshasa, yagirizwa kuba yakubitiye i Nairobi, umwe mu batamvyi bo mu murwi wiwe. Kuri uwu wa kane, Koffi Olomide akaba ariho yarekurwa, akazoburana yidegemvya.

Mu nsiguro yatanze, Koffi yireguye avuga ko atakubise umutamvyi wo mu murwi wiwe, ahubwo ko yagerageje kumubuza kurwana na bagenzi we, ariko bigaca bifatwa nk’aho ari Koffi yamukubise.

Uwo muririmvyi rurangiranwa wo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, Koffi Olomide, yaheruka kwirukanwa muri Kenya, inyuma yo gupfungwa ijoro rimwe

Nk’uko bitangwazwa nk’ikinyamakuru co kuri internet co muri Kenya, Standard Digital, Koffi yasubijwe iwabo muri Kongo ajanywe n’indege ya Kenya Airways, yahagurutse ku kibuga c’indege Jomo Kenyatta.

Koffi yafashwe yagirizwa gukubita umugere umwe mu batamvyi biwe, bifatwa kuri video yakwiragijwe kuri internet. Intango ya vyose, nk’uko tubikesha BBC, bivugwa ko uwo mutamvyi yakuswe umugere na Koffi yabanje yashwanye na Cindy le Coeur, umuririmvyi ashika ku mutima cane Koffi Olomide, akaba ari umwe mu bagize umurwi umufasha mu biteramo.

Ubwo nyene, Koffi yaciye aheba ikiganiro yariko araha abanyamakuru, aza n’ishavu ryinshi ashika atera umugere uwo mutamvyi, imbere y’abaporisi n’izindi ngenzi.

Si ubwa mbere uwo muririmvyi yagirizwa guhohotera umuntu, akaba yarigeze gushirwa imbere y’ubutungane muri Kongo yagirizwa gukubita uwumutegurira ibiteramo.

Iyo video niyo yatumye igiporisi ca Kenya kimufata, arazwa mw’ibohero ryo ku kibuga c’indege ijoro rimwe.

Iyo video igisohoka, Koffi yaciye aja ku mbuga nkoranyambaga asigura ko ahubwo yariko aratabara abatamvyi biwe bari bahohotewe, agasigura ko atashaka kugira uwo akubita.

Ivyo ariko ntivyanyuze Abanyekenya, babandanije bamwiyamiriza ku mbuga ngurukanabumenyi.

Abajewe ubutungane muri ico gihugu baciye bafata ingingo yo kumwaka urusha rwo kwinjira muri Kenya, aca asubiza iwabo muri Kongo kubera icaha co guhohotera umuntu.

Koffi Olomide yarasavye imbabazi kuri iyo nyifato, akaba ku rubuga rwiwe rwa Facebook, ku munsi w’Imana, yarasavye imbabazi abakunzi biwe, cane cane "abapfasoni n’abana", abasaba kumubabarira.

Yagize ati : "Ndicuza cane ku vyashitse...nari nataye umutwe,"

Uwo muririmvyi rurangiranwa yarasavye kandi ikigongwe imbonankubone abantu bo muri Congo boba barababajwe "n’iyo nyifato iteye isoni".


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.