IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kuki Agence Umuringa ariyo yatowe gutegura ibiteramo vya Kidumu

Kuki Agence Umuringa ariyo yatowe gutegura ibiteramo vya Kidumu

mercredi 12 Munyonyo 2014

Mw’ihimbazwa ry’imyaka 40 y’amavuka yiwe, Kidumu ariko akoresha ibiteramo irya n’ino muri Afrika. Ibiteramo azogirira mu gihugu ciwe c’amavukiro biriko bitegurwa na "Agence Umuringa". Muri iyo Agence bavuga ko ibikorwa biriko bigenda neza gusumba mu myaka iheze.

Alice-Anny Akingabiye aserukira "Agence Umuringa"

Alice-Anny Akingabiye aserukira "Agence Umuringa" avuga ko itegurwa ry’ibiteramo vya Kidumu ririko rigenda neza. Abandanya avuga ko gutegura no gukurikirana ibiteramo vy’umuriririmvyi nka Kidumu atari igikorwa coroshe kuko akundwa na benshi, ariko ibisabwa vyose bitategekanijwe. Alice arasigura igituma Kidumu yatoye "Umuringa". Ati :"Agence Umuringa" yatowe na Kidum kuko twakoranye neza mw’isabukuru "Buja Summer Fest".

Mu gihe bizwi ko muri "Agence Umuringa" bakora ibijanye n’imideri na "defile de mode", mu biteramo vya Kidum ntavyo bazokwerekana. Alice-Anny Akingabiye ati : " Twebwe tujejwe gutunganya neza ibiteramo vya Kidumu gusa".

Ibiteramo bizoba ari ku magenekerezo ya 22 muri Havana na 23 mu ntara ya Bubanza. Mwomenya ko Kidum ariko agirisha ibiteramo vyinshi, akaba ari ibintu bitari bimenyerewe cane. Muri Afrika y’Epfo afise ibiteramo 2 : kimwe i Johannesburg na Pretoria ku magenekerezo ya 15 na 16 Munyonyo. Kidum azoba ari mu Rwanda muri Serena Hotel kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo, n’ibindi bizobera mu Burundi ku magenekerezo ya 19 na 21 Kigarama.

Umviriza ururirimbo "Mapenzi" rwa Kidum rwakunzwe cane


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.