Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mbega kwiyerekana mu masanamu bari gusa bifasha iki abaririmvyi?
Mbega kwiyerekana mu masanamu bari gusa bifasha iki abaririmvyi?
mardi 4 Ntwarante 2014
Hariko haribonekeza abaririmvyi bo ku mugabane wa Afrika bariko bafata zimwe mu ngeso z’abaririmvyi bo mu bihugu vya Buraya na Amerika zitabonwa neza na benshi bo muri Afrika. Izo ngeso ni iz’abaririmvyi bafashe ingendo yogusohora amasanamu y’indirimbo zabo bambaye izuba. Barerekana kandi bimwe mu bimenyetso vya bamwe bita " illuminatis".

Kuririmba baboneka bari uko Imana yabaremye (bari gusa) mu masanamu "Video" bisa nk’ivyabaye ubuhizi ku baririmvyi cane cane bo mu bihugu vyo ku mugabane wa Amerika na Burayi. Si ivyo gusa, muri ivyo bihugu nyene hararwiriye mu baririmvyi bamwe bita "illuminatis" bagenda biyerekana ku bimenyetso vyabo bifise insiguro nkizo. Kimwe muri ivyo ni igicapo c’inyabutatu. Ivyo rero bigaheza bigaca bisubirwamwo na bamwe mu baririmvyi bo muri Afrika, tukibaza namba nabo baba barimwo, canke bavyigana kukutamenya.
Iyindi ngeso mbi yinjiye muri bamwe mu baririmvyi bo ku mugabane wa Afrika, n’ukoH hasigaye haboneka indirimbo zisohoka zirimwo amasanamu y’abakobwa bari gusa kandi berekanako bari muri wa murwi w’aba "illuminatis". Akarorero ka hafi n’ururirimbo "Naija Bad Girl" rw’umuririmvyikazi Maheeda avuka mu gihugu ca Nigeriya.
Isanamamu "Video" ibonekamwo uwo mukobwa atamba yambaye agahuzu kagufi cane ariko mu nyuma araboneka ari uko yaremwe, n’umwotsi mwinshi w’itabi yariko arasogota. Si uko gusa, Maheeda araboneka ari mu nyabutatu. Iyo nayo ni kimwe mu bimenyetso bikoreshwa n’aba "illuminatis". Iyo sanamu rero iriko ibonwa n’abi kandi iriko itera ibibazo benshi.
Aba n’abandi baribaza ko bamwe mu baririmvyi bo muri Afrika boba babigira bazi ivyo bagira, abandi bakibaza ico boba bakundira kwikura impuzu bariko bararirimba cane cane abakobwa. Mbega abo baja muba "illuminatis" boba bazi neza ivyarivyo?

Raba isanamu y’ururirimbo rwa Maheeda " Naija Bad Girl
Chérif Nkeshimana
Messages
4 Ntwarante 2014, 18:22, par Melance
None aba illuminatis ni abaki? tanga umuco kugirango benewacu nabo ntibazorwe muvyo batazi.
25 Kigarama 2015, 22:30, par NIBIGIRA FELIX
NIBIKEBUKE BAMENYE KO HARIHO IMANA ISUMBA VYOSE
2 Ruhuhuma 2016, 22:03, par TRÉSOR
BASHAKABOKORERA IMANA KUKO IGIHE KIRANGIYE BAZOJARAJARA BABURA IYO BAJA NTIBAKUNDE ISI KUKO IGIYEKURIMBUKANA NUMUBISHA TUREBENEZA NTITUZOJANE NAWE?
6 Ruhuhuma 2016, 18:17, par Aimé Pascal
Ahubwo Nakamuna.Barakwiy Guhinduk.Nico Gituma Abana Benshi Batakigra Indero
30 Ntwarante 2016, 16:34, par Smith. P5
Isi igeze habi. Tureke kugenda nk’ibigoryi twigana ba Jay-Z beyonce n’abandi kuko ndazi ko bo bitabatera ibyishimo nagato, ahubwo babura ubwo bobivamo. Mbere yo kwigana ikintu ni byiza kumenya ico gisobanura.
29 Gitugutu 2016, 23:40, par Timote
Nkeneye Abariko Barangura Amabanga Y’abubatse
5 Ruheshi 2017, 14:40, par FIBACH
ubusambany bwabasan brarenz nanj biribonekeza nurikigihug