Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Menya umuririmvyikazi Iry Tina
Menya umuririmvyikazi Iry Tina
mercredi 3 Kigarama 2014
Umuririmvyikazi Irene Laura Uwimana aririmbira mu gihugu c’Ubugande ariko arabica bigacika mu muziki. Ariko amenyekana muri gihe na cane cane aho agiye arasohoka hanze y’Uburundi, maze bigatuma hari abibaza ko yoba atari umurundi.
- Iry Tina aba muri Uganda
Azwi kw’izina rya Iry Tina, akaba ari umurundikazi yatanguriye umuziki mu Burundi ariko ari mu gihugu c’Ubugande. Iry Tina yatanguye umuziki mu 2006, akaba ariho yinjira muri Menya Media n’umuhinyanyuzi Jeremie mu ruririmbo "My Big". Yaciye ahagarika ku mvo z’ivyigwa hanyuma aririmba ururimbo "Ni Wewe" urwo yarukoranye n’umuhinyanyuzi Guerra man hari mu mwaka w’2009. Ico gihe yari ahejeje amashuri yisumbuye. Iry yarabandanije ku ndirimbo yise Mike, Nzoza mu nyuma yararirimbanye na Mkombozi ururirimbo "I wanna be" kwa Amil Pro.
Mu nyuma yarakoze urukurikirane rwiwe rwa mbere "Femme Africaine" rugizwe n’indirimbo 10, rurimwo indirimbo nka Tamba, Femme Africaine yakoreye kwa Akes Pro. Iry Tina yarakoranye na Lolilo ururirimbo "Barafu Wamoyo" hamwe na "Super Love" yakoranye na Diamond Miel.

Ico gihe Iry Tina yaciye atangura gukorera mu mazu y’ubuhinyanyuzi yitwa Popo Studio iri i Kampala yakoreyeyo indirimbo "Week end na Usiniace". Iry Tina yarakoranye n’umuhinyanyuzi akomeye cane Washington. Yaciye akorerayo indirimbo "Always on my mind" na "Bad Mind".
Uwo muririmvyikazi agira arangize umwaka asohoye indirimbo nka Swagger All Star East Africa na Show me Your Love, hamwe na Mpore ma ururirimbo yasubiyemwo rwa Bahaga. Muri kino gihe ariko akora ururirimbo rwitwa "Goal Mpia" kwa Washington.
Uwo muririmvyikazi avuga ko bigoye kuririmba uri umwigeme kuko abantu babafata ukutariko kandi benshi ni abogufashije baba bafise ivyo bashaka.


Umviriza urabe n’isanamu y’ururirimbo "Always on my mind"
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Kigarama 2014, 10:51, par paul
Uyo ni umurundikazi?? Ni murabe neza!
3 Kigarama 2014, 13:11, par $$
ndamuzi mukinanira
4 Kigarama 2014, 12:43, par gahungu
abanyamakuru mwarabuze abo mwamamaza!!!aka ni akumiro pe!!!uyu yikoboye ngashambara atakizi iyo kaba, yiyanditseko ku matako, kumabere...yarabaye umurastar(imaraya) ("muco wo muri afrika").Mugumirize akabanga mushireko amafoto yambaye agahuzu basi(na,mba hari ayo afise!
Abakobwa baja kuririmba babona batayaronse kandi bamaze kumenyekana bagafatanya nu bumaraya ngo bironkere imiduka.....abantu bamenye ko babaye aba star, ariko bononera abandi bo baja kuririmba kuko babikunda kdi bumva arivyo bokora gusa.
4 Kigarama 2014, 13:08, par Lyse
Jewe nibaza ko umuntu wese ashobora kwambara uko yifusa,kandi nimwikosare uwo arubatse izongeso mbi zironderere iwanyu
4 Kigarama 2014, 17:06, par Nkomezi
Gahungu nabandi..plsstop gucira imanza abomutazi..aho kurondera kubamenya ..rkambaz mbega nind wababwiy ko iyo miduga nibiki Iry atabyagira...kandi (arakora.. 1intellectuelle arubats .. Kandi numuryango we uramushigikiy)pls muraperereza neza...hamatwoterimbere umuntu wese mumuhaye agateka mukareka kwigira abacamanzakandi mukareka ama journalist bagakora akazi kabo...Murakoze