Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Miley Cyrus ariko asunga agatabi
Miley Cyrus ariko asunga agatabi
lundi 11 Munyonyo 2013
Amaso yose yariko araba Miley Cyrus, hari ku mugoroba w’igenekerezo rya 10 Munyonyo, muri MTV Europe Music Awards. Bose bibaza ico agira abereke uwo muririmvyikazi w’i Nashiville w’imyaka 20, hari i Amsterdam.
Asanzwe atabonwa neza, ejo hoho yiyeretse abantu asa n’uwambaye izuba, ariko amashusho y’abaririmvyi bapfuye « Notorious B.I.G na Tupac Shakur ». « Ndasavye muhagarike ubukozi bw’ikibi »ayo majambo yari yanditse ku cicariro ca Cyrus.

Ahejeje kuronka agashimwe k’isanamu « Wreking ball » ahagaze i Ziggo dome, yakoze mu gasaho yarafise adomeka umusogoto w’itabi, yugurura rya saho nyene ashiramwo ako gashimwe. Ahejeje iryo tabi niko rero kubica biracika ku ndirimbo "We can’t stop".
Miley ariko yitegurira guhimbaza umunsi w’amavuko yiwe kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo uyu mwaka. Kat Von D yaramaze ku mucapako ”tatouage” nk’uko yama abigira uko umwaka utashe. Ubu acafyeko isanamu ya inakuru (portrait de sa grand-mère maternelle, Loretta Finley), ku kuboko kw ‘iburyo, azoba yambaye impuzu zerekana umubiri wiwe wose kugira atirimutse abantu, kandi azotamba gushika buce.

Inyifato y’uwo mwana iratangaje kuko kenshi akunda kwiyerekana ari uko zamuremye. Bamwe baribaza uko bizogenda uwo musi bikabasiga kuko yategetse abazotegura ikibanza ko bazokoresha amatara ameze nk’igihimba c’irondoka c’umugabo.

Chérif Nkeshimana