Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Miss Nono ahakana n’ishavu ryinshi kwadakundana na Akes Pro
Miss Nono ahakana n’ishavu ryinshi kwadakundana na Akes Pro
jeudi 26 Ruhuhuma 2015
Umuririmvyikazi Miss Nono ariyamiriza amakuru avugako akundana n’umuhinyanyuzi Akes. Avugako bariko bakorana, akemeza ko atigeze adohoka kw’ibanga rw’uwo bakundana kandi bagiye no kwubakana.
- Ifoto yatumye havugwa amajambo hagati ya Miss na Akes
Haheze iminsi mikeyi havugwa urukundo rwoba ruri hagati ya Inininahazwe Noreth azwi kw’izina rya Miss NONO n’umuhinyanyuzi Akimana Espoir azwi kuri AKES PRO. Miss Nono arahakana ko adakundana na Akes kandi akabivugana agashavu ko abavuga ivyo ari abansi biwe, aho womenga gukundana na Akes yoba amenje. Amajambo Miss Nono yanditse yishura abavuze ko adakundana na Akes twashimye kutayerekana ngaha kubera arimwo ibiteye isoni.
Naho biri uko, Miss Nono aragwa akagaruka, avuga ko agiye gukorana umuziki na AKES. Ivyo gukorana muziki vyemezwa kandi na Akes, eka n’ururirimbo bakoranye"Hold me down"buca rusohoka.

Miss Nono abandanya avugako afise uwo akunda kandi azomubera ikingi, uwo nawe n’umuhungu biboneka ko yishimiye cane nk’uko amafoto bari kumwe avyerekana.
- Miss Nono n’umukunzi wiwe kandi yishimiye
Umviriza "Hora Nkwinginge"rwa Miss Nono
Cherif Nkeshimana
Messages
26 Ruhuhuma 2015, 12:22, par JB
Beautiful song, I’m lovi’n it.
Regards,
JB
2 Ntwarante 2015, 00:03, par Ikijuju
Hemwe miss Nono arakundana na Akes nyene,. None hajya bama baserukana muma Hotel, eka nahandi hakomakomeye bifashe neza ni gute badakundana? Akarorero ni uru ruririmbo rwabo bari gukorana Hold me down=Nshira hasi ubundi undongore.
16 Ntwarante 2015, 23:57, par PAC
Nono arafise probleme,elle aime ihinduka cane arahindagurika.mbega akes bopha iki?