Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mr Niyo aririmbira muri Kenya agiye gutanguza imigambi y’ishirahamwe (...)
Mr Niyo aririmbira muri Kenya agiye gutanguza imigambi y’ishirahamwe Dmax
vendredi 18 Ndamukiza 2014
Umuririmvyi Mr Niyo akorera umuziki mu gihugu ca Kenya ahejeje kugirisha ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo kuvuga k’umugambi mushasha wo gukorana n’abaririmvyi bicishiye mw’ishirahamwe ryitwa Dmax ryo mu gihugu ca Kenya.

Niyonzima Ephrem azwi kw’izina Mr.Niyo amaze imyaka 7 ariko akorera umuziki mu gihugu ca Kenya, hanini aririmba indirimbo mpimbazamana. Yururutse indege ejo, azanye inkuru nziza ku baririmvyi b’Abarundi muri rusangi cane cane abataragera kure mu muziki. Inyuma yo kugirana amasezerano n’ishirahamwe Dmax ryo mu gihugu ca Kenya ryihaye intumbero yo gushafa abaririmvyi bo karere ka Africa y’Ubuseruko no mu makungu, Mr Niyo yaciye yiyumvira gushiramwo n’abaririmvyi b’Abarundi.
"Abaririmvyi bazoshaka gukora na Dmax bazotangwa n’abamenyeshamakuru kuko ni bo babazi gusumba jewe, bazoheza rero bahabwe urupapuro ruriko amasezerano. Ntitugiye kwitaho barya baririmvyi bamaze kugira aho bishikanye mu muziki". Ivyo bivugwa na Mr Niyo mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.
Ibikorwa vy’ishirahamwe Dmax ryo mu gihugu ca kenya aha mu Burundi bizokwugururwa n’igiteramo c’agakura kizogirishwa n’abaririmvyi bo mu karere harimwo n’Abarundi bazonafasha kwakira abazoba bavuye mu bindi bihugu.
Yabajijwe ko iryo shirahamwe ritokwugurura aho rikorera aha mu Burundi, Mr. Niyo yishuyeko Dmax rikiri mu ntango, ivyo biri mu migambi yo muri kazoza, ariko rero vyoba na vyiza abaririmvyi bazoba bafitaniye amasezerano bishkiye mu gihugu ca Kenya kurahuba n’ubwenge. Ati:"akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze".
Nk’uko asanzwe akora na Indundi.com amenyeshako aboshaka ico babaza kuvyerekeye iryo shirahamwe yobariza mu Ndundi.



Umviriza wongere urabe aha munsi uririmbo "Najua"rwa Mr Niyo
Cherif Nkeshimana