IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Mu gihugu c’Ububirigi barindiranye igishika isango Kidumu yabahe

Mu gihugu c’Ububirigi barindiranye igishika isango Kidumu yabahe

mardi 4 Ntwarante 2014

Inyuma y’igiteramo umuririmvyi Kidumu aherutse kugirisha mu gihugu c’Ubudagi mu gisagara ca Franckfurt, hari kw’igenekerezo rya 01 Ntwarante 2014 mu nzu y’ibiteramo yitwa Rebstocker Gunes Theater, ubu naho arindiriye ikindi giteramo azogirisha mu gihugu c’ububirigi.

Igiteramo yagirishije mu gihugu c’Ubudagi cabaye igitangaza nk’uko umuririmvyi Jean Pierre Nimbona azwi cane kw’izina rya Kidumu abivuga. Yagiye muri ico gihugu mu gihe no mu Bubirigi bari bamushashaye cane. Nico gituma yashimye kuvayo n’abo abateramishije.

Nk’uko bivugwa na Kiyoyo Juma amenyerewe mu gutumira mu Bubirigi no mu Buhorande, abaririmvyi bazwi bava mu gihugu c’Uburundi, umuririmvyi ukunzwe cane mu karere k’ibiyaga binini, Kidumu bamurindiranye igishika kidasanzwe mu Bubirigi mu gisagara ca Anvers ku butumire bwa Kiyoyo Juma.

Kiyoyo avuga ko, Kidumu yiteguye gushimisha Abarundi n’Abanyarwanda n’incuti zabo, batumiwe ari benshi muri ico giteramo kizoba kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante neza neza kw’ibarabara rya 12 Nerviersstraat, inomero 2018 Antwerpen/Anvers. Ku batahazi, Iryo barabara rishika ku masanganzira aho rihurira na Belgielei, riva mu Burengero rija mu Buseruko, rigahura ni ryitwa Charlottalei riva mu burengero rija mu Bumanuko bw’igisagara ca Anvers.

Kwinjira n’amahera y’amanyaburaya 15 (15 Euro) ayo mahera aragereranye, tuyashize mu marundi, kuko angana n’amafaranga 31.050 (31050 fbu)


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.