IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Naho Kidum ashima ibiteramo yagize, ntiyakoranye neza n’abamenyeshamakuru

Naho Kidum ashima ibiteramo yagize, ntiyakoranye neza n’abamenyeshamakuru

mercredi 3 Kigarama 2014

Kidum ahejeje gutangaza ko ashima Imana kubona arangije ibiteramo yagize mu karere ka Afrika y’Ubuseruko no muri Afrika y’epfo, ibiteramo yitiriye ihimbazwa ry’imyaka 40 y’amavuka. Naho biri uko, Kidum ntiyakoranye neza n’abamenyeshamakuru b’Abarundi.

Kidum ariko ashimira abantu bose bamufashije mu biteramo yagirishije, ahejeje kwandika ko apfukamiye Imana ayishimira, Kidum yaciye ashimira umuryango wiwe. Abandi yashimiye n’abakunzi biwe, abamufata mu mugongo, abamenyeshamakuru hamwe n’umurwi wiwe. Muri iryo jambo ryo gushima, yarangije asaba abakunzi biwe bari mu mahanga ko boshobora kumufasha gutora hagati y’ibihugu vya Buraya hamwe na Reta Zunze Ubumwe z’Amerika aho yohimbariza umunsi mukuru wa Noeli n’umwaka mushasha.

Naho Kidum ashima uko ivyo biteramo vyagenze, ntabihurizako na bamwe mu bamenyeshamakuru b’Abarundi. Intango y’ukutumvikana yatanguye ku giteramo Kidum yagiriye muri Havana, aho ata muririmvyi n’umwe yemerewe kwinjira atarishe. Inyuma y’ico, ibindi biteramo bibiri yagirishije haba muri Liany Bar ku Muzinda canke iwabo mu Kinama. Hari na bamwe mu bamenyeshamakuru yoba yaratelefonye abatera ubwoba kubera bariko bamuvuga kuvyo yagize. Ivyo biri uko mu gihe Kidum ari ku rutonde rw’abaririmvyi bazoremesha ibiteramo bihambaye vya Ikoh Multiservice.

Kidum afise urutonde runini rw’ibiteramo mu bisagara nka Los Angeles, Seattle, Boston, Delaware, Dallas no mu bindi bisagara vyo muri Reta Zunze z’Amerika.

Amwe mu mafoto y’igiteramo Kidum yagiriye mu Rwanda :

Umviriza ururirimbo "Birakaze"Kidum yaririmbanye na Alpha wo mu Rwanda.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ikware zisezerana mumasasa, nimba bataribavyumvikanye Ko hariho abaza mwinjira atanakimwebasabwe kubera arabantu runaka uwowese yobayarashatse kwitwziki cankekiriya ngoyinjire yariyashatse gutobera Kidumu arikwamahirwe tugira nuko Kidumu ubonyemengo wamushavuje akanabikubwira kumushavuze ntibikuraho urumundo asanzwe agufitiye ndamuzicane uwonumwana wiwacu Kinama.

  • Thank you keep up with ur lovely music

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.