Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N’ugukina amareresi arabishoboye
N’ugukina amareresi arabishoboye
vendredi 15 Munyonyo 2013
Aheruka kuboneka cane mw’ihiganwa rya Primusic aho yashoboye kuronka n’agashimwe k’amahera angana umulioni w’amarundi. Olga Lorie Ntaganzwa ntiyarekeye aho, yarabandanije umuziki, ubu afise indirimbo zishika zibiri ‘Nzoza’ na ‘Rya joro’, ziriko zikorerwa muri Menya Media Studio, atakimuciriyemwo zirasohoka vuba. Ngo s’ivyo gusa, no gukina amareresi arabishoboye.
Aho twamusanze yariko afashanya n’abandi bahinga batowe mu Burundi gutegura ireresi nk’uko babisabwe n’ishirahamwe Psi. Wari umunsi ugira gatatu wo gutegura iyo reresi yahuriyemwo na Mkombozi na Yoya. Tumubajije uko abona ibijanye n’amareresi, yivugira ko bimuryohera cane kandi arabona ko abishoboye. Kugira atorwe mu bandi benshi b’abarundi bobishobora ari Imana yagomvye ko yinjira muri uwo mwuga. Abandanya avuga ko yumva umunezero narirya rizoba ribaye irya mbere abonetse mw’ireresi. Yahuriyeyo na Mkombozi na Yoya. Lorie asanzwe afise n’indirimbo « Tube Class »yaririmbanye na Ariane, ariko ntikuzwe kwumvikana ku ma radio, ivuzwa kenshi n’iryo shirahamwe.

Olga Lorie Ntaganzwa yagiye mu mahiganwa ya Primusic aserukira intara ya Kirundo asanzwe avukamwo. Atanguye kuririmba mu mwaka w’2012, yararirimbanye n’umurwi « the cousins », « Lolilo », n’umurwi « Peace and Love » yararirimbanye kandi na Diamond wo muri Tanzaniya. Amenyeshako ubu agiye gutangura kwikorana umuziki gusumba uko yahora. Ibijanye na Olga muri iyo reresi tuzobadanya tubibashikiriza.
Fyonda hagati wirabire amasanamu ya Olga Lorie Ntaganzwa mu mahiganwa ya Primusic.
Chérif Nkeshimana