IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > The Nil Project ntizobera mu Burundi

The Nil Project ntizobera mu Burundi

vendredi 21 Ruhuhuma 2014

Umuririmvyi Steven Sogo amaze iminsi ari mu rugendo mu bihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko bisangiye uruzi Nil. Muri urwo rugendo yagiye aserukira uburundi kwifadikanya n’abandi baririmvyi bo mu bihugu 7 uruzi Nil rucamwo, mu kwugurura ibikorwa vy’ishirahamwe The Nil Project.

Ibihugu 7 bisangiye uruzi Nil rufise isoko muri komine Rutovu, mu ntara ya Bururi, vyaragiye hamwe bigira ishirahamwe ndangakaranga rusangi bihuriyeko, nk’ibicurarangisho n’ibindi. Steven Sogo yitavye urugendo rwo kwugurura ibikorwa vy’ishirahamwe The Nil Project ririko ribera mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko. Muri ivyo birori, umuririmvyi w’umurundi Steven Sogo yabihuriyemwo n’abandi baririmvyi 13 bavuye mu bihugu nka Uganda, Kenya, Egypte, Soudan, Etiyopiya na Sudani, hamwe n’Uburundi Sogo yaserukiye.

Abo baririmvyi bariko bazunguruka mu bisagara vya Kampala muri Uganda, ku magerekerezo ya 22 na 22 Ruhuhuma bazoba bari mu gihugu ca Kenya muri Kuona Art Center, kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma, bazoba bageze muri Etiyopiya mu gisagara ca Addis Abeba ahitwa TBD. Abaririmvyi bari mu rugendo rwa The Nil Project bazoshika muri Egypte neza na neza mu gisagara ca Kayiro kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante, n’igenekerezo rya 7 mu bisagara vya Azhar Park na Nubian Museum bazohereza i Alexandria kw’igenekerezo rya 10 Ntwarante.

JPEG - 22.8 ko
sogo ari i Kampala mu birori vya The Nil Project

Ishirahamwe mpuzamico n’akaranga k’ibihugu bisangiye uruzi Nil «The Nil project» ryavutse mu mwaka w’2011, ku ciyumviro ca Mina Girgis avuka mu gihugu ca Egypte. Uwo muhinga mu bijanye n’ubwoko n’indirimbo (Ethnomusicologue), mu gutanguza ishirahamwe nk’iryo, yabonye ko ibihugu bisangiye uruzi Nil bifise ibintu bihurizako ku bijanye n’imico n’akaranga, vyofasha no kwubaka umuryango usangiye akaranga ka Nil «Identité Nilotique». Mina Girgis atanga akarorero k’igicurarangisho kavukire c’umwironge kivuzwa mu bihugu vyose bisangiye amazi ya Nil.
Ikiboneka n’uko mu bihugu biriko biberamwo ibirori vya The Nil Project, Uburundi butarimwo kandi isoko ry’ayo mazi riri mu Burundi, mu ntara ya Bururi.

Mu gutanguza ivyo bikorwa habanje kuvuzwa ururirimbo ryo guhayagiza ishirahamwe The Nil project ruririmbwa na Ahmed said, Alsarah, hamwe na Dina Wedidi bo mu gihugu ca Egypte.

Amwe mu masanamu y’ibirori

Fyonda mukwirikirane ururirimbo rwa The Nil Project


Cherif Nkeshimana

Messages

  • iyi nkuru ntiyuzuye uti gute? ubwa mbere isoko ya nil iva muri NYUNGWE FOREST MU RWANDA itangura yitwa RUKARA,NYABARONGO,AKANYARU,AKAGERA bikaza kwitwa nil bivuye muri lac victoriabimaze gucomekana n’inzuzi zo muri uganda na tz. uruzi ruvuye i burundi ruza kwisukamwo ku rusumo mu rwanda ku mupaka na tanzania. Ibi mushobora kubisanga muri WIKIPEDIA. Ikindi ntiwavuzeko muri aba baririmbyi harimo umunyarwanda kazi yitwa SOPHIA acuranga inanga traditional

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.