IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidum yoba yarasabwe uruhusha n’abasubiriyemwo ururirimbo rwiwe?

Kidum yoba yarasabwe uruhusha n’abasubiriyemwo ururirimbo rwiwe?

mardi 11 Ntwarante 2014

Ntihari haherutse kuvugwa abaririmvyi basubiramwo indirimbo za bagenzi babo, ariko muri iyi minsi hari ururirimbo rw’umuririmvyi Nimbona Jean-Pierre azwi kw’izina rya Kidum rwasubiwemwo n’abaririmvyi bakiri bato cane, Chris na Junior.

Ururirimbo ruri mu ndirimbo za mbere zatanguye kumenyekana z’umuririmvyi Kidum "Number moja" ruherutse gusubirwamwo n’abaririmvyi b’abana, Chris na Junior, ata jambo bakuyemwo na rimwe. Abo bana Chris na Junior basanzwe bakorera indirimbo z’abo mu nzu ihinyanyura amasanamu n’amajwi Sky Music Studio ya mukuru wabo, Akimana Espoir azwi kw’izina rya Akes.

Silas Damara ni umuririmvyi asanzwe akorera mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi b’Abarundi (Amical des Musiciens du Burundi). Twamubajije uko bigenda kugira umuririmvyi asubiremwo ururirimbo rw’uwundi. Yishuye ati : "Kugira umuririmvyi asubiremwo ururirimbo rw’uwundi, n’uko uba ufise uruhusha rwa nyeneyo, canke rw’umuryango wiwe mu gihe uwo muririmvyi yoba yarapfuye".

Damara yongera avuga ko naho uba waronse urwo ruhusha, iyo ndirimbo ntuheza ngo uyiyandikeko, iguma kw’izina rya nyeneyo. Uwayisubiriyemwo arabimenyeshako ari iyo yasubiyemwo bimwe bita "Remix", canke naho uyishire mu rukurikirane rw’indirimbo zawe, igumana izina rwa nyeneyo."

Umuririmvyi Silas Damara

Amakuru twahawe n’uwo muririmvyi Sillas Damara avuga ko bigeze kwiturwa n’umuryango w’uwaririmvyi "Amabaruwa" aho bari bafitaniye ikibazo n’umuririmvyi Farious kubera yasubiriyemwo iyo ndirimbo. Farious kandi yaragiranye ikibazo n’umurirmvyi Musoni Evariste, aho yasubiramwo ururirimbo "Sinarinzi" yibaza ko nyenerwo yapfuye, eka si uwo gusa kuko n’umuririmvyi John Cris yarigeze gusubiramwo ururirimbo rw’umuririmvyi Nikiza David rwitwa "Safari ya wateule" ariko wewe ngo yari afise uruhusha.

Bimwe mu bituma abaririmvyi basubiramwo indirimbo z’abandi, n’uko urwo ruririmbo ruba rwabaryoheye, canke baba bashaka kumenyekana nk’uko uwayiririmvye ubwa mbere aba yaramenyekanye.

Ntituramenya ko abana Chris na Junior boba bararonse uruhusha rwa Kidum, canke tumenye ico Kidum abivuga ko narirya ari mu gihugu c’Ububirigi, aho azogirisha igiteramo kuri uwu wa gatandatu.

Umviriza aha munsi ururirimbo "Number Moja" rwasubiwemwo:


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.