Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Papa Wemba arabeshuza amakuru avuga ko yapfuye
Papa Wemba arabeshuza amakuru avuga ko yapfuye
lundi 3 Ruheshi 2013
Amakuru amaze imisi ariko arakwiragizwa avuga ko umuririmvyi karuhariwe akomoka mu gihugu Congo, Papa Wemba yoba yaritavye Imana.
Vyagiye kumenyekana ko ayo makuru ari igihuha ari uko Papa Wemba wenyene abeshuje iyo nkuru yari imaze imisi iriko iravugwa mu gisagara ca Kinshassa. Ayo makuru ubu afatwa nk’ikinyoma yatanguye gukwiragizwa kuva ku musi wa gatandatu igenekerezo rya mbere Ruheshi 2013.
Ibinyamakuru bitandukanye inyuma y’uko iyi nkuru yari imaze ikwiragizwa kandi ari igihuha cadutse mu gisagara ca Kinshassa, vyahavuye bitahura ko ari ikinyoma kuko no mu ntango z’uyu mwaka vyatangajwe kandi ko umuririmvyi MBilia Bel nawe yapfuye ariko vyari ibihuha.
Aho rero niho Wemba yemeje ko akiri muzima kandi ko akomeje ibiteramo. Papa Wemba yahora mu biteramo bitandukanye inyuma yo kwitaba isabukuru y’imyaka 50 umuryango w’ubumwe bwa Afrika uvutse.
Uwo muririmvyi Papa Wemba yavutse kuwa 14 Ruheshi umwaka w’1949 i Lubefu mu Ntara ya Kasaï y’Uburasirazuba. Amazina yiwe nyakuri ni Jules Shungu Wembadio Pene Kikumba, akaba ari igihangange mu ndirimbo z’igikomgomani cane cane izo mu bwoko bwa Rumba, ndetse ari mu baririmvyi bakomoka muri Afrika bageze ku bikorwa vy’intashikirwa.

Egide Nduwimana
Messages
5 Rusama 2016, 19:18, par KUBWIMANA J.PIERRE
NIGUTEBAVUGAKUMUNTUYAPFUYE KANDARIMUZIMA?RWOBA ARI URWANKOBAMWANKA?