Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Shakira yarashatse kwibagisha bamuhindure
Shakira yarashatse kwibagisha bamuhindure
vendredi 14 Ruheshi 2013
Abantu benshi iyo baravye umuririmvyi Shakira bamubona nk’umwe mu bagore bateye igomwe, beza yamara we siko yabibona mu myaka yaheze cokimwe n’abandi bakenyezi benshi rurangiranwa.
Shakira yaciye mu bihe bitamworoheye aho yabona udukosa twinshi kuri buri gice cose c’umubiri wiwe. “Hari igihe cageze numva nshaka kwibagisha ngo mpindure uko nasa n’uko nari nteye. Nashaka cane cane kwongereza ubuniniya bw’amabere yanje ndetse n’ibindi vyinshi. Ingohe zanje zikaduga hejuru, iminwa yanje ikaba nk’umuzingi. Ibi rwose vyorambangamira cane.” Aya ni amajambo Shakira yatangarije ikinyamakuru In Tourch.
Igihe caje kugera Shakira aritahura, yemera kuguma uko ari. Ku myaka 35 y’amavuka, ubu afise umwana umwe atarakwiza umwaka n’umwaka. Ubu aremeza ko yifitiye icizere. Ati: “Naribwiye nti ‘vyibagire!’ hama nca ntangura kwifata neza, niyemere nk’uko ndi.”
Shakira, umuririmvyi ava mu gihugu ca Colombia ubu akaba abanye neza cane muri iyi minsi n’umukunzi wiwe Gerard Pique, umukinyi w’umupira w’amaguru, bakaba bamenyesha ko banafise umugambi wo kuzibarukana n’uyundi mwana naho bitoba ivya vuba.

Naho ku vyerekeye ubukwe bwabo akaba avuga ati: “Iki sico gihe. Ubu igihe cacu ni ic’umwana twavyaye Milan, ntakindi twiyumvira ubu .”

Joel Sengurebe