Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Baino Nyandwi aje gusiga umugani mu biteramo azogirisha mu (...)
Umuririmvyi Baino Nyandwi aje gusiga umugani mu biteramo azogirisha mu Burundi
jeudi 22 Nzero 2015
Umuririmvyi Baino Nyandwi amaze imyaka itari mike mu mahanga ashaka kuzosiga umugani mu biteramo yimirije kugirisha mu Burundi. Baino Nyandwi yemeza ko Ibice 70 kw’ijana vy’abanyagihugu b’aho aherereye muri Kenya, ntibidogera umuziki wiwe akorana n’umurwi ukomeye Baino Band.

Inyuma y’imyaka igera kuri 13 akorera umuziki mu mahanga, Baino Nyandwi ashaka kugaruka mu gihugu c’amavukiro azanywe no kugirisha ibiteramo hirya no hino mu Burundi. Ku buhinga n’ubumenyi mu muziki yakuye mu mahanga, yipfuza gusiga umugani mu rwaruka rw’abaririmvyi, aciye muri ivyo biteramo. Mu kiganiro Baino yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, amenyesha ko ivyo biteramo bizotangura mu kwezi kwa Nyakanga 2015, neza na neza inyuma y’amatora. Yipfuza kandi kuzokorana n’abaririmvyi bari mu Burundi bamushika ku nyota, aha agatanga akarorero ka N John Melodica ari mu buhungiro, na Yoya hamwe n’abandi.
Baino Nyandwi asanzwe avuka mu muryango w’abaririmvyi wo mu Kinama mu gisagara ca Bujumbura, avuga ko amaze kuzunguruka akarere mu biteramo, aha avuga ko amaze kuja mu biteramo i Zanzibar n’i Doubai, aho hose agirisha ibiteramo vyo mu bwoko bwa "live" hamwe n’umurwi wiwe Baino Band.

Baino Nyandwi amaze gusohora inkurikirane zibiri: IBUKA irimwo indirimbo icenda na Sina Hofu irimwo indirimbo 11. Izo zirimwo indirimbo zakunzwe cane, zivuzwa cane nka Gikundiro, Igihemu, sina hofu, Ndi mumwiyeburo, Pole Pole( mzazi mwenza)...
Tubamenyeshe ko Baino Nyandwi amaze imyaka 13 mu gihugu ca Kenya ariko mwumvise ko afise umugambi wo kuzoteramisha Abarundi inyuma y’amatora.
Umviriza urabe n’isanamu y’ururirimbo "Sina Hofu" rwa Baino Nyandwi
Cherif Nkeshimana