Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Evode Ntahonankwa aratanga intumbero y’ingene umuziki wosubizwa (...)
Evode Ntahonankwa aratanga intumbero y’ingene umuziki wosubizwa akanovera
lundi 15 Kigarama 2014
Umuririmvyi Evode Ntahonankwa arabona ko umuziki w’Uburundi ushobora gusubira itoto mu gihe abaririmvyi bomenya ubutumwa bagira batange n’abo buraba. Evode mu kuririmba afatira ku buzima yaciyemwo hanyuma agasabikanya n’abandi ivyo yaciyemwo, ariko mu mvugo ifobetse.
- Evode ari muri Studio yiwe
Mu kiganiro Evode Ntahonankwa yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, avuga ko umuziki w’Uburundi uriko urata akanovera, agasigura ko ushobora gusubira itoto mu gihe abaririmvyi bomenya ico bagira bakore. Ati : "Umuziki wose wama ari umuziki ariko igikomeye ni ubutumwa burimwo butanzwe gute? Amajambo akoreshejwe ni meza?Arabaho mu kirundi? Avuzwe neza (articulation)? Ati : "Ico kirakomeye, ariko abantu ntibabizi!"
Nk’uko indirimbo za Evode zifise ubutumwa buri mu majambo afobetse, abisigura uku gukurikira :" Indirimbo zanje zose nazanditse zivuye kuri (histoire vécue) bisigura ko nandika ndi inspiré par la situation du moment de l’époque. Nandika ibinkoze ku mutima. Amajambo nayo ntafobetse ahubwo nakoresha ama "images figurées" navyo bikaba ari ngombwa mu kwandika ivyese (poésie). Ivyo bituma umuntu yipfuza gusubira kwunviriza incuro nyinshi kubera ukudatahura neza, bikanatuma uwavyanditse akenerwa ngo agire ico abasiguriye naho hoba haciye igihe kirekire navyo ni nkibi mukoze mwebwe mwandondeye. Birafasha muvyandiko. N.B : indirimbo zose zivuga jewe gusa!!! Ni muntahirije ab’iwacu, Nyegera ntite, Mireille : viens me voir Mireille, Mu Kibira ca Nyunge: Nzokujana murya Mukubuka... Urabona ko hose ari jewe, jewe, jewe.....!
Inyuma ya Album zibiri (Mireille na Mpanagura Amarira yakoreye mu Burundi), Evode Ntahonankwa avuga ko amaze gukora izindi zitatu, harimwo KIRIMA, ITEKA yakoreye mu nzu y’ubuhinyanyuzi yiwe, hamwe n’iyindi ataratorera izina. Ubu ariko asubiramwo indirimbo ziwe za kera. Ategekanya kuza mu Burundi mwaka w’2016, aho azoba aje kugirisha ibiteramo no kwereka abakunzi biwe ko atataye umwuga.
Mwomenya ko Evode amaze imyaka 11 mu Buholande mu gisagara ca Enschede, ikindi n’uko umwana wiwe w’umukobwa Fien afise ingabirano yo kuririmba kuko no mw’ishuri yigamwo aza imbere mu kuririmba.
Evode Ntahonankwa azwi mu ndirimbo nka : Muntahirize ab’iwacu, Mpanagura Amarira, Mu Kibira ca Nyungwe, Nyegera Ntite Wumve, n’izindi.
Umviriza ururirimbo "Mu Kibira ca Nyungwe"
Cherif Nkeshimana
Messages
29 Kigarama 2014, 17:02, par Ntakirutimana Léonce
Nk’umuragane, nagomba nsabe Evode azotunganye igiteramo i Makamba kuko benshi ntibamuzi. Nanje narakunze indirimbo ziwe. Ubu ndi umumenyeshamakuru, nta na rimwe ntavuza indirimbo ya Evode, ariko si uko ndi umuragane