IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Umuririmvyi Kidumu yasabwe kwibagisha mu muhogo vyihuta

Umuririmvyi Kidumu yasabwe kwibagisha mu muhogo vyihuta

mardi 8 Gitugutu 2013

Umuganga mukuru w’ibitaro vya Kenyatta Hospital, Dr Kioni inyuma yo gusuzuma umuririmvyi Kidumu, yaciye amusaba ko yokwihuta akibagisha imihogo. Uwo muganga akaba yamusavye kuja kwibagisha mu bitaro vyitwa Karen Hospital biri i Nairobi, ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya.

Ku munsi w’ejo, umuririmvyi Kidumu yaragiye kwivuza imihogo arwaye. Yagiye kwivuza ku bitaro vyitwa Kenyatta Hospital aho yakiriwe na Docteur Kioni, umuganga mukuru w’ivyo bitaro biri mu gihugu ca Kenya. Aho Dr Kioni amariye kumusuzuma ndetse hakoreshejwe n’icuma ca « scanner », yaciye amutumirira kwihutira kwibagisha mu mihogo. Dr Kioni akaba yamurungitse kwibagisha ku bitaro vya Karen Hospital biri mu gisagara ca Nairobi, umurwa mukuru w’igihugu ca Kenya.

Nk’uko Kidumu abivuga, imvo yatumye uwo muganga umusaba kwihuta kwibagisha mu mihogo n’uko imihogo y’uwo muririmvyi yasanze isinzikaye. Ivyo bikaba vyavuye ku kuririmba kenshi, mu biteramo no muma karaoke amaze igihe aririmbamwo atakaruhuko gakwiye afashe. Muri kino gihe, umuririmvyi Kidumu, Kibido canke Kibuganizo, akaba ahagaritse ukuririmba mu kiringo atazoba arakira neza.

Kidumu rero akaba asaba abakunzi biwe bose ko bomuterera igisabisho muri kino gihe arwaye. Na cane cane ubu agiye kwibagisha mu mihogo. Nakare ngo « ubuzima ni amazi asaseka ntibayore ».


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.