Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Peter ati : "Humure yemwe abarira Imana irabibutse"
Umuririmvyi Peter ati : "Humure yemwe abarira Imana irabibutse"
lundi 14 Ndamukiza 2014
Indirimbo mpimbazamana ziguma zibica bigacika, zikorwa ku buhiga bugezweho. Umuririmvyi Nkurunziza Peter Simbakangwa yahejeje urukwirikirane rwa mbere. Indirimbo mpimbazamana 8 zose zitanga ubutumwa bwiza buruhura imitima, zegeranirijwe mu rukwirikirane yise "Humure yemwe abarira Imana irabibutse".
Peter avuga ati : "Humura yemwe abarira Imana irabibutse". Indirimbo 8 zikozwe mu midiho itandukanye nk’igisirimba (umudiho w’abanyarwanda), umudiho wa zouk eka n’umudiho wa Raggae, ziri mu rukurikirane rwiwe rwa mbere yise "Humure yemwe abarira Imana irabibutse". Izo ndirimbo ni nka "Uwiteka aratabara", "ihindura amateka", "imigezi y’ubugingo","igihe kirageze", n’izindi.
Peter atanga ubutumwa bwo guhumuriza abantu bari mu bibazo bitandukanye vy’ubuzima, ubwo bwumvikanira cane cane mu ruririmbo "Ihindura Amateka". Muri urwo ruririmbo, Peter avuga ati : "Dufise Imana ihindura amateka y’umuntu ikamwibagiza umubabaro ikamusubiza umunezero....igukura ku cavu, ikakwicarika mu bikomangoma".
Ururirimbo ruri mu mudiho wa Raggae yise "Kuri wowe", yikora mu gahogo ati : "Kuri wowe niho mpungira, ni wowe niringiye nziko gutabarwa kwanje kuzava kuri wewe".
Mwomenya ko Peter ari umuririmvyi ava mu gihugu c’Urwanda. Urukurikirane rw’izo ndirimbo ruriko ruradandazwa mu mashengero amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura nko mw’isengero Zion Temple, ishengero Israel n’ahandi.
Umviriza ururirimbo "Uwiteka arabara"
Chérif Nkeshimana