Advertisement
Kumenyekanisha
Umuririmvyi Saidi Brazza yajanywe mu kigo ngororamuco i Iwawa
Yanditswe taliki ya 17-06-2016 - isaha 10:02' na IGIHE

Umuririmvyi Saidi Brazza yamenyekanye mu Burundi mu mudiho wa Reggae, ari mu murwi w’urwaruka ruriko rukurikirana inyigisho mu kigo ngororamuco ca Iwawa kiri mu Karere ka Rutsiro.

Yavukiye mu Rwanda i Huye, mu nyuma umuryango wiwe werekeza mu Burundi mu mwaka w’1959 ari naho se na nyina bapfiriye . Azwi cane mu ndirimbo zamenyekanye mu karere nka Yameze amenyo, Twiganirira, Kugazaka n’izindi akaba amaze mu muziki imyaka 25.

Saidi Brazza yatahutse mu Rwanda kuwa 11 Ntwarante 2014, ico gihe akaba yabwiye IGIHE ko agiye gukomereza ibikorwa vy’umuziki mu Rwanda.
Yari yiyemeje ko agiye gukorera umuziki mu Rwanda, ariko inyuma y’igihe gito akaba yaciye ajanwa mu kigo ngororamuco.

Yari yagize ati “Ubu umuziki wanje ngiye kuwukorera Abanyarwanda, ubutumwa ntanga butange umusaruro ku gihugu cacu, bwiyamirize uwodusubiza inyuma, abashaka kudusubiza inyuma sinzobihanganira. Nico umuririmvyi amaze, kuvugira abanyagihugu. Mu myaka 25 iheze ndirimba nakorera umuziki mu mahanga ariko guhera ubu ndi mu Rwanda .”

Mu mwaka wa 2015, Saidi Brazza yajanywe i Iwawa, ubu ahamaze amezi agera ku munani. Ni umwe mu bari mu murwi w’abiteguriye gusozera ivyigwa bitangirwa muri ico kigo.

Ivyiyumviro vyanyu

Good u Rwanda ruzi kubera reka urumogi rumushiremo naho mu Burundi rwahabaye karande !!!Hatari kabisa MWe kontaco mukora bite ???

19.06.2016 à 20:30
Mob

Nukuri vrema Mwaramumaramaje Kubonamumurungika Antumayibobo Zikorera

19.06.2016 à 09:57
Muco

Nakamaramaza,SAIDI BRAZZA ari kumwe nabamayibobo i WAWA ?nakumiza kabisa.

18.06.2016 à 04:32
Kevin

Hari amakuru avuga ko acuruza abakobwa muri Aziya afatanyije na Sinduhije, Buyoya, pacifique Nininahazwe, Maggy,Vital, Minani, Mbonimpa,......

17.06.2016 à 22:44
Mututsimwiza

hahahahahahahaaaaaaa !

17.06.2016 à 17:28
ronaldo

Ivyo ntaco bimaze, iyaba yarairimbira Imana hoho vyari sawa ! Bamureka kuduha amakuru ataco amaze nkayo !

17.06.2016 à 12:31
Jewe

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.