Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Inyange Voice Adriano yasohoye urukurikirane yise "Ubaya wa (...)
Inyange Voice Adriano yasohoye urukurikirane yise "Ubaya wa Shetani"
lundi 16 Ntwarante 2015
Umuririmvyi Adrien ari mu baririmvyi bashobora gukorera amasanamu (video) igice c’indirimbo zigize urukurikirane. Abishimira abagenzi n’ishengero rwiwe. Urukurikirane "Ubaya wa Shetani" rwaheze.

Inyange Voice Adriano canke Adrien ahejeje urukurikirane rwiwe rwa mbere yise "Ubaya wa shetani". Rugizwe n’indirimbo 11 ariko yahisemwo gukuramwo zitatu zikozwe mu kirundi gusa. Adrien avuga ko indirimbo ziwe ziri mu kirundi ashaka kuzisubiramwo azishire mu ndimi zitahurwa na benshi cane cane abumva indimi z’icongereza, igifaransa n’igi Swahili. Vyumvikana ko urukurikirane "Ubaya wa Shetani" rugizwe n’indirimbo 8 gusa. Zimwe muri izo ndirimbo ni : 1-Say Amen, 2-Fitisezerano, 3-My Really Love By Adrien Ft Danny, 4-Haleluya By Adrien Ft Danny Pro, 5-Uwatsinze, 6-Yaratsinze Ubu Ni Muzima, 7-My Super Love, 8-Ubaya Wa Shetani,..
Uwo muririmvyi w’indirimbo mpimbazamana amenyesha ko yoshize ahabona urwo rukurikirane vuba ariko afatiriwe n’urugendo rw’akazi k’umuziki buca afata mu gihugu ca Tanzaniya ahitwa i Mwanza.
Mu gihe tumenyereye abaririmvyi batari bake bagira ingorane z’uburyo bwo gukora amasanamu y’indirimbo zabo kubera ubukene, Adrien ntafise ico kibazo. Ku bw’abagenzi biwe n’ishengeo rya Anglicane asengamwo, Adrien arashobora gukora amasanamu y’indirimbo ziwe zose. Umuhinyanyuzi Danny Pro ari mu bamufashe mu mugongo.

Umviriza ururirimbo "Mfit’isezerano" rwa Adrien
Cherif Nkeshimana
Messages
19 Ntwarante 2015, 13:50, par adrie
twakwipfuza kubona izind ndirimbo ziwe
5 Ndamukiza 2015, 02:06, par Niyukuri
I must do that............
5 Ndamukiza 2015, 21:23, par Inyange voice adriano
Nahobishika tugacikintege,,,, ibihe bihibindi...ushobora kudatahura impamvu cankukibazako aragashavu,,,me nuburenganzira kuko ibikogwa mbikora kuruhare gwanje fashijwe nabasanzwebemera akazikacu... Uwutabitahura arihangana. Iyi album nayikoz igih kitarigito bivanye numwanya wishure kuko uburyo ntikibazo bwaributey... Yambaye hafi nawe suwundi ni Producer wanje ubu abarizwa Nairobi ariwe Danny pro,,,ndazi yuko beshi mubagenzi harabanezerezwanibikogwa dukorana na producer wanje me harinabandi vyababaza cane ariko vyose warumugambi w’Imana navyo akabatawuwuhagarika,,,ndashimirabavyeyi banje bashigikiye cane muricogikogwa.... Vyishikuriyo nkuru murazakubisanga kurubuga gwacu gwa facebook