Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurundi aririmba Gospel ari mw’ihiganwa muri Amerika asaba guhundwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umurundi aririmba Gospel ari mw’ihiganwa muri Amerika asaba guhundwa (...)

Umurundi aririmba Gospel ari mw’ihiganwa muri Amerika asaba guhundwa amajwi

mercredi 17 Kigarama 2014

Indirimbo mpimbazamana z’Uburundi zigeze mu mahiganwa mpuzamakungu, umurundi wese aho ari asabwa gushigikira umuririmvyi Nasibu Bauni Chance kugira atsindire ubushimwe butandukanye buteguriwe uwuzoba uwa mbere.

JPEG - 126.6 ko
Umuririmvyi Nassibu Bonne chance

Nasibu Bauni Chance mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, asaba guhundwa amajwi mw’ihiganwa rya "Prayze Factor Awards"ririko ribera mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe z’Amerika. Bauni Chance avugako yagiye mw’ihiganwa kubera umuntu w’umugenzi wiwe asanzwe ari mu murwi utanga amanota muri iryo higanwa. Uwo nawe yamusavye kumwumvisha indirimbo ziwe, amaze kuzumva aca amushira mw’ihiganwa.

Ururirimbo rwa Bonne Chance "I will Live" ruriko ruhiganwa mu ice ine:

1) Urban Category: bisigura indirimbo zivugirizwa abategetsi iyo bateramye,

2) Contemporary Category: indirimbo zigezweho,

3) Jazz Category: indirimbo zo mu mudiho wa Jazz,

4) Afro Category: indirimbo ziri mu mudiho w’ikinyafrika.

Muri kino gihe, Nasibu ari mu gice ca mbere c’ihiganwa catanguye kw’igenekerezo rya 08 Kigarama kizohera kw’igenekerezo rya 05 Nzero. Nasibu asaba ko Abarundi n’abakunzi b’Uburundi n’umuziki w’Uburundi hamwe n’abakunzi biwe, bomutora kugira arengane igice ca mbere ace yinjira mu gice ca kabiri kizotagura kw’igenekerezo rya 08 Nzero 2015 gushika kw’igenekerezo rya 08 Ruhuhuma.

Mu gutora Nasibu Bauni Chance uca k’umurongo ngurukana bumenyi: www.prayzefactorawards.com. Uca ubona izina ryiwe hanyuma ukarifyondamwo, ukamanuka ahanditse "Submit" ukahafyonda maze ijwi ryawe rikaba ryanditswe. Kubera ururirimbo ruri mu mahiganwa ku mice ine twababwiye hejuru, usabwa gufyonda ku muce wose ahari zina ryiwe. Gutora muri iri higanwa biratandukanye n’ayandi kuko ushobora gutora incuro ushatse canke umwanya wose, bashaka kuraba ko ururirimbo ruri mw’ihiganwa rukundwa cane ko ruguma rwumvirizwa.

Mbega uwuzotsinda azotsindira iki?

Umunsi wo gutangaza uwatsinze n’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma i Montenego, hanyuma ku magenekerezo ya 24 na 26 Ruhuhuma 2015 batange ubushimwe. Uwa mbere azohabwa ububasha bwo kugira ibiteramo 32 mu bihugu vya Buraya, Amerika na Afrika. Azohabwa inyigisho nkarishabwenge zijanye n’ugutunganya imigambi hamwe nogukora ururirimbo mu nzu y’ubuhinyanyuzi igezweho muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika.

Raba aha munsi ururirimbo "I will Live" rwa Nasiru Bauni Chance ruri mw’ihiganwa.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Egondamutoye arikose abarundi bafise iyinzira yangurukana bumenyi nibangabe kwarimyarurwa rekatubihe Imana icutiziwe arinazozabarundi Imana izozikoresha zigutore.

  • Ndamutoye .kandi nosaba nabandi barundi ko bomutora kuko hamwe yoshika kure ni agateka kuri twebwe abarundi twibera hano muri United States.

  • musobanure neza uko tumutora ko ndamubuze yamaze kuvamwo

  • Nanje mpejeje ku motora mais ni benshi bataza kumenya kumutora kandi babishaka,ni mushiriho ingene bamutora,bamaze gukrika kuri rya lien mwatanze musobanure ko ari umudiho wa jazz,kuko baraza kuzimagirika merci.

  • abashaka kumutora boraba kuri iyi lien http://www.prayzefactorawards.com/#!jazz-categories/cg46
    Tumutore turi benshi aronke amahirwe yo guhiganwa n’abandi. Sangira n’abandi iyi page y’iyi nkuru ku rubuga rwa facebook.

  • kumutora ndabona bigoye mwe muvugako mwamutoye mushire links hano tumutore kuko kugera hariya biragoye kabisa

  • reka dufashanye umaze gufyonda hariya raba ahanditse VOTE HERE
    hafyonde uce uraba ahanditse JAZZ CATEGORIES hafyonde uca ubona urutonde rwabahiganwa TORA CHANCE NASIBU Barundi Banyarwanda ikigikorwa nirwanyu

  • Bavukanyi ndagerageje incuro nyishi kugirantore NASIBU wacu birantaye kuwamazi bagumabambarirango inyishuyanje ngontanguvu ifise. Ndababwire ndababaye kandi uwoshaka yomfasha akambarira ikindinokora kuko nokugira ndonke izina rya Nasibu wacu nabifashijwemwe nababagenzibacu banditse ngaha ribo Jean N na Marc rekandabashimire nubwo ntoye Nasibu bikanka. UMVANDABABWIRE UKONABIKOZE NAGIYE KURIRYA WEB WWW.PRAYZEFACTORAWARDS.COM MAZEMUNYUMA BINYEREKA AHAVUGANGO TORA AHA (VOTE HERE) MAZENDAHAYFONTA HACAHANYEREKA VYISHI ARIKO YFONTA KURI JAZZ CATEGORIES BACABARAHEZA BANYEREKA AMAZONAYOSE YABIYAMAMAZA UREBA COMPUTER NIMUBUBAFU BWAWE IZINARYANASIBU RIRI MUMAZINA YANYUMA MURIRUSANGI RISANIRIHEREZA, MAZE NARITOYE BARANYEREKA KONDAMUTOYE MAZEGIYEKUVYEMEZA HEPFOHAHEREZA AHARI SUBMIT) NGAHO NGAHOHONAMARAMARIYE. NDABAZA IBIVYAMBAYEKO HARIHO UYUNDIVYABAYEKO BANYAKUGIR’IMANA NU BURUNDI?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.