Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umurwi "The Peter’s" ugiye gushira ahabona ibikorwa vyawo
Umurwi "The Peter’s" ugiye gushira ahabona ibikorwa vyawo
lundi 24 Ruhuhuma 2014
Inyuma yo kuva mu murwi "Happy World", umucuraranzi w’igitari Peter Nyabenda ariko ategura igiteramo co gushira ku mugaragaro ibikorwa vy’umurwi mushasha yashinze. Uwo murwi wiwe, ugizwe n’abantu bo mu nda imwe kuko abo bavukana bose ari abaririmvyi.

Kuva avuye mu murwi wa Happy World, umucuraranzi w’igitari Nyabenda Pierre, yaciye ashiraho umurwi wiwe yise "The Peter’s". Mu ntumbero yo gushira ahabona uwo murwi, Peter ariko ategura igiteramo azogirira mu kigo c’abafaransa. Ibijanye n’ico giteramo tuzobibashikiriza mu minsi iza.
Uwo muririmvyi avuga ko yahoze mu murwi "Happy World" wari usanzwemwo uwo bavukana yitwa Innocent Baino ubu ari umuririmvyi mu gihugu ca Kenya, hamwe n’abandi nka Steven Sogo na Adomix asigaye ari umuhinyanyuzi w’indirimbo "Producteur" n’abandi bagiye mu mahanga. Wari ufise icicaro mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge, ari naho yigiye kuvuza igitari acigishwa n’uwo bavukana. Mu myaka y’2008 n’uw’2009, Peter niwe yaramutswa uwo murwi. Mu nyuma niho yahava agashinga umurwi wiwe "The Peter’s"
Mu murwi "The Peter’s" bageze kure kuko zimwe mu ndirimbo ziwe zigeze mu mahanga kandi ziravuzwa cane. Aha aravuga nk’ururirimbo "C’est ma tradition
" rwakunzwe cane, "Umugabo w’akatamanikirwa" n’izindi nka "Digi digi". Uwo murwi rero ugizwe n’abavuza bo mu muryango wiwe gusa, ari naho havuye izina "The Peter’s"



Umviriza wongere urabe ururirimbo rwakunzwe cane C’est ma tradition
Chérif Nkeshimana