Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umwana w’umuririmvyi yahawe izina ry’abaririmvyi: "R.ERINI"
Umwana w’umuririmvyi yahawe izina ry’abaririmvyi: "R.ERINI"
jeudi 7 Myandagaro 2014
Umuririmvyi OP1 Pierre Nkurikiye yaraye yibarutse ikibondo, ashima Imana yamwongeye umuhungu. Uwo mwana se yamwise izina rimeze nk’iry’abaririmvyi:" R.ERINI.
- BIBAHO Rine-Erini (R.Erini)
Mu muryango w’umuririmvyi, umwanditsi, umukinyi w’amareresi n’umuporisi N-Peter( OP1 Pierre Nkurikiye) ni umunezero ntangere. Imana yarawuteye iteka mu kuwuronsa uwundi mwana w’umuhungu. Mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge niho ico kibondo cavukiye isaha umunani n’iminota mirongo ine n’itanu (14h 45) kw’igenekerezo rya 4 Myandagaro. Izina "BIBAHO Rine-Erini batazira (R.ERINI) ryaciye rihabwa uwo mwana.

Turindiriye kurondera N-Peter tumubaze insiguro y’ayo mazina, kuko ntitwashoboye kumuronka igihe twamurondera.
Mwomenya ko N-Peter ariko ategura gushira ahabona igice ca kabiri c’ururirimbo "Cinjire". Iyo ndirimbo iri kumwe n’isanamu yayo yakorewe mu Bwiza muri OBAG-BURUNDI.
Fyonda aha munsi wumvirize ururirimbo "Cinjire" rwa OPC1 Pierre Nkurikiye
Cherif Nkeshimana
Messages
8 Myandagaro 2014, 19:08, par BARUTWANAYO Remy
Niteka Rikomeye Kubona Ikibondo Mu Muryango Nukubandanya MUshimira Imana Izobongere Nabandi Mubigishe Kubaha Kuko Abana Bubu Sinzi Ko Ari Ibihe Bigenda Birahinduka Murakoze .
9 Nzero 2016, 17:22, par sindayihebura moïse
IYO NKURU NUMV ARI NZIZA CANE! TERA MUJA IMBERE IMANA IBAHEZAGIRE!