IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidum aragabisha abakunzi biwe b’i Arizona

Kidum aragabisha abakunzi biwe b’i Arizona

mardi 27 Nzero 2015

Urukurikirane rw’ibiteramo vya Kidum muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika birabandanya, igiteramo gikurikira kigiye kuzobera mu ntara yo mu burengero bwa Amerika.

Inyuma y’igiteramo giheruka kubera mu gisagara ca New York kw’igenekerezo rya 22 Nzero, urukurikirane rw’ibiteramo yise KIDUM KIBIDO WORLD TOUR 2014-2015 rurabandanya. Imbere y’uko ateramisha abakunzi biwe b’i Arizona yabanje kubandikira ubutumwa bukurikira:" Ubuheruka nabamenyesheje igiteramo hasigaye iminsi itatu ngo kibe, ariko mwaraje ku bwinshi. Narakozweko cane n’urukundo hamwe no kunshigkira mwanyeretse. Hari bamwe mu bakunzi banje bavuze ko batamenye ico giteramo, baca bansaba kugaruka. Ha! Ntihagire icitwazo...nta kuvuga ngo ntavyo mwamenye, ngaho ndabashwaye kandi nizeye ko tuzobonana mwese abo mu mihingo itandukanye yo kw’isi(East Africans, Caribbeans, Central Africans, West Africans, South Africans). Sidukana n’iyonka nkeneye kubona imirwi itandukanye y’abantu mu giteramo canje."

Ico giteramo c’I Arizona kizoba kw’igenekerezo rya 31 Nzero hamwe n’ibindi bizobera muri ico giteramo mubibona k’urupapuro ntangaza giteramo, .

Kidum rero yatanguye ivyo biteramo muri Afrika y’Epfo aca mu Burundi kuri Liany, Havana n’iwabo mu Kinama, mu Rwanda aca aja muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

JPEG - 91.7 ko
Kidum na Jerry Wonda(umuhinyanyuzi, umuririmvyi n’umuririmvyi w’i Port-au-Prince)

Umviriza ururirimbo"Enjoy"rwa Kidum


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.