IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Koffi Olomide > Bujumbura : Abakunzi ba KOFFI OLOMIDE bahawe igiteramo bazokwinjira ku (...)

Bujumbura : Abakunzi ba KOFFI OLOMIDE bahawe igiteramo bazokwinjira ku buntu

vendredi 30 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Alain NOVA IRAMBONA wo mu mugwi "EMPIRE Media" watunganjie ibiteramo vy’umuririmvyi KOFFI OLOMIDE, amenyesha ko abakunzi b’uwo muririmvyi bazomubona mu biteramo bitatu bitandukanye.

Kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 30 Ruheshi 2017, kuri Zion Beach, isaha zibiri z’ijoro : kwinjira ni amafaranga ibihumbi 100 hamwe n’amafaranga ibihumbi 200 mu bibanza vy’iteka (VIP).

Ku musi wa gatandantu ,igenekerezo rya mbere Mukakaro 2017, kw’ishure Scheppers benshi bita EFI Nyakabiga, isaha icenda z’umuhingamo, kwinjira ni ibihumbi 10 hamwe n’ibihumbi 30 mu bibanza bw’iteka.

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 2 Mukakaro 2017, kw’ishure Scheppers Nyakabiga nyene, isaha icenda z’umuhingamo, mu giteramo abakunzi ba Koffi bazokwinjira ku buntu. Muri ico giteramo, Antoine Christophe Agbepa Mumba batazira Koffi Olomide azoba ari kumwe n’abandi baririmvyi batandukanye mu gihugu c’Uburundi.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.