IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Koffi Olomide > Itike ya mbere izimvye yo mu biteramo vya Koffi yaguzwe na Gaston (...)

Itike ya mbere izimvye yo mu biteramo vya Koffi yaguzwe na Gaston SINDIMWO

jeudi 29 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Aho bukera kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi, Koffi Olomide n’umurwi wiwe bazobica bicike mu giteramo kizobera kuri Zion Beach mu gisagara ca Bujumbura. Umurwi munini ugizwe n’abahinga batandukanye harimwo abaririmvyi, abatamvyi, abategura bakongera bakambika abatamvyi n’abaririmvyi baraye bashitse mu gisagara ca Bujumbura. Uwo niwo murwi wa Koffi Olomide batazira Le Grand Mopao yise "Quartier Latin".

Si abo gusa, igihe c’isaha zitatu z’igitondo c’uno wa kane, ku kibuga c’indege ca Bujumbura niho "Le Grand Mopao" ubwiwe yashika mu Burundi.

Tubibutseko ko itike ya mbere izimvye mu biteramo vya Koffi yaguzwe imiriyoni 5 z’amafaranga y’amarundi. Iyo nayo yaguzwe na Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ikindi n’uko ivyo biteramo vyashizwe mu ntumbero yo guhimbaza imyaka icumi Uburundi bumaze buri mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC). Ivyo bikaba vyaravuzweko amajambo aho bamwe bavyiyamiriza kuri ayo mafaranga yose yatanzwe ku giteramo ca Koffi Olomide, abandi bakabona ko ico giteramo gishobora kugira isanamu ya poritike, mu kwerekana ko mu Burundi hari amahoro.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.