Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Abakeneye amasanamu n’amakuru ya KOFFI OLOMIDE bariha mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Koffi Olomide > Bujumbura : Abakeneye amasanamu n’amakuru ya KOFFI OLOMIDE bariha mu (...)

Bujumbura : Abakeneye amasanamu n’amakuru ya KOFFI OLOMIDE bariha mu madorare

mardi 4 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ku magenekerezo ya 30 Ruheshi n’uwa mbere Mukakaro, umuririmvyi Antoine Christophe Agbepa Mumba azwi kw’izina rya Koffi Olomide yakoreshe ibiteramo kuri Zion Beach na EFI Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura. Igiteramo ca mbere kwinjira yari amafaranga y’amarundi 100.000 mu bibanza bisanzwe hamwe n’ibihumbi amajana abiri mu bibanza vy’iteka. Kwinjira mu giteramo Koffi yakoreye muri EFI vyari ibihumbi 10.000 y’amarundi n’ibihumbi 20.000 mu bibanza vy’iteka.

Abamenyeshamakuru batashoboye gushika muri ivyo biteramo kandi bari bakeneye amakuru basabwe kuriha ayo mafaranga y’uwkinjira.

Inyuma y’ivyo biteramo, "Empire Media" yatumyeko Koffi OLOMIDE iriko irihisha amadore amajana abiri 200(200$) ku bamenyeshamakuru bakeneye amasanamu (Photos), amadorare amajana atatu (300$). Ku bakeneye "video" y’ibiteramo hamwe n’ikiganiro na Koffi, bariha amadorare ibihumbi bibiri (2000$). N’uwukeneye kuraba Le Grand Mopao Koffi Olomide arihishwa kuva ku madorare ibihumbi bitanu gushika ku bihumbi cumi (De 5000$ - 10.000$).

Mu gihe bitari bimenyerewe mu Burundi, bamwe mu bagize umurwi watumyeko Koffi Olomide bavuga ko ivyo biteramo vyateguwe mu ntumbero yo kudandaza, ari naco gituma uwo wese yari akeneye kumenya vyinshi kuri uwo muririmvyi ategerezwa kuriha amafaranga.

Uwo muririmvyi azoremesha ikindi giteramo kuri uwu wa gatatu kuri "ARENA" mu gisagara ca Bujumbura. Amafaranga y’uwkinjira ni ibihumbi mirongo indwi mu bibanza bisanzwe, hamwe n’ibihumbi ijana na mirongo ibiri mu bibanza vy’iteka.


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • jewe kubwanje sinanse yuko aba bishoboye boyata nga ayo mahera mugabo uwomutima bawugire nokuribenewabo barwariye mubitaro canke bashonje ntibibe ivyo kwinezereza mugabo udashobora gufashisha uwugowe nibihumbi cumi abarundi tugire urukundo nogukunda igihugu mboneyeho nokuzoshimira uwowese azogira ico akoze kurirya conte yokwitegurira amatora yashizweho nigihugu ntidushimishe kofi gusa twibagire igihugu cacu nacane cane mubihe nkibi abazungu baduteye ibitugu impanuro jewe mbona niyo ndabipfurije gukunda igihugu canyu cuburundi imana yaduhaye abashoboye gutanga nki bihumbi amajan_abiri kuri kofi harya murirya conte ndamwipfurije kuzohezagirwa nimana kandi ashiremwo nk_amajanane murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.