Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Koffi Olomide > Koffi OLOMIDE yasubiriye guhohotera umwe mu batamvyi biwe
Koffi OLOMIDE yasubiriye guhohotera umwe mu batamvyi biwe
mercredi 5 Mukakaro 2017, par
Kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro, umuririmvyi Koffi Olomide yari umutumire w’iteka mu ntumbero yo gihambaza imyaka 10 iheze Uburundi bwinjiye muri EAC. Mu giteramo cabereye kuri EFI Nyakabiga, mu gihe umwe mu batavyi biwe yunamye mu murwi w’abarorerezi bari mu munezero ntangere, Koffi Olomide ntiyashoboye kwihangana kuko yaciye amukwega umushatsi amusubiza inyuma.

Inyuma y’ivyo vyakozwe na Koffi Olomide, harasohotse isanamu (vidéo) ivyerekana neza. Bamwe mu bari bateguye ibiteramo vyiwe baragerageje kubihakana, bavuga ko yakweze umushatsi w’uwo mutamvyi wiwe, kugira amukingire ntakorokere mu barorerezi.
Bamwe mu bategetsi b’i Bujumbura baraneguye iyo ngeso y’umuririmvyi Koffi OLOMIDE. Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi yavuze abicishije ku muhora wiwe wa Twitter ko atanyuzwe n’insiguro zatanzwe kuri ivyo vyabaye, amenyesha ko kandi uguhohotera agateka k’umwigeme atwovyihanganira.
Tubibutseko Koffi Olomide yaheruka gukora nk’ivyo nyene kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017. Ico gihe yakubise umwe mu bakobwa bamutambira, hari ku kibuga c’indege ca Kenya.
Cherif NKESHIMANA