IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Sat-b: "Aba Boss banje barindire gato uririmbo "Ivyo Bintu"

Sat-b: "Aba Boss banje barindire gato uririmbo "Ivyo Bintu"

samedi 29 Mukakaro 2017

Ururirimbo "Ivyo bintu" rwa Sat-b rusohoka mu mwanya muto. Uwo avuga ko umwanya ushobora kutarenga amasaha mirongo 24. Sat-b avuga kandi ko adashobora kutubwira ubutumwa burimwo, kuko rutarasohoka. Ati : "Karacari agaseke gupfundikiye, kazopfundururigwa abakunzi banje". Urwo ruririmbo rwakozwe n’abahinyanyuzi Washington afadikanije na AmirPro. Na Kolly yararukozeko.

Ku rubuga rwiwe rwa facebook, yanditse ati : "Hello aba boss banje Bwakeye.....Tangura Guharura amasaha 24H Gusa. Buja Flavour Izoba yakiriye New Hit song yanje. Babwire bagabanye ubwoba Ka ga petit kananiranye karagarutse.......andika ivyobintu muri Commentaire turabe uko mungana."

Mukurangiza, Sat-b amenyesha ko ataza kuja mu giteramo ca Kigingi kibera kuri La Bamba. Imvo n’uko asanzwe afise ibindi bikorwa bimufatiriye. Naho biri uko, Sat-b atumenyesha ko yatanze intererano yiwe. Asaba kandi abakunzi biwe ko boja gushigikira mugenzi we kigingi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.