IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Ubutumwa bwa SAT B kuri manager wiwe

Ubutumwa bwa SAT B kuri manager wiwe

samedi 12 Nzero 2013

Umuririnvyi SATB ashima intambwe agezeko mugushikira indoto ziwe,akaba yaranditse kugira ashime ku mugaragraro uwo ashimira nawe akaba ari umufasha wiwe mu mwuga wo kuririmba,ngo niwe yamufashije kuba uwo ari uyu musi.Arigana uko bahuye na manager wiwe akongera akamushimira.

PNG - 636.7 ko

Umuririnvyi SATB agira ati:«DJ Jackson ntiyashaka ko nvuga izina ryiwe tutararangura igikorwa kiboneka ,ubu mbona ko ibikorwa bigeze kure ndashobora kuvuga ibintu bimwe bimwe.Ni inkuru isanzwe,twamenyaniye kuri facebook mu mwaka uheze mugihe nari mu gihugu c’u Rwanda,hanyuma duca tuba abagenzi none ubu ni manager wanje.

DJ Jackso yaransavye ko noja mun bikorwa vyo gufashanya n’abandi baririnvyi bo muri Afrika muri studio yiyubashe kandi ikora ibikorwa vyiza.Twabonanye iryambere amaso mu yandi igihe nashika iKampala .Narabonanye kandi n’umuhinyanyuzi akomeye azwi kw’izina rya Washington, uwo nawe akaba ashima ingabire yanje yo kuririmba, murunva ko DJ Jackson yankoreye vyinshi nashaka kumushimira.»

SATB akaba agiye guteba i Kampala kuruta uko yavyibaza kuko ari mu bikorwa, aramaze kandi gukora indirimbo zibiri yakoranye n’umuhinyanyuzi Washington,ariko akaba ashaka gukora n’imiburiburi indirimbo zitanu arikumwe n’abaririnvyi bazwi cane b’i Kampala canke b’ahandi, ubu akaba ariko yitegurira gukorana indirimbo n’abaririnvyi Radio na weasel abaririnvyi kakomeye I Kampala. Tumwipfurije umugisha.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.