Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru > N John melodica agiye kwitaba akamo k’umushikiranganji w’urwaruka
N John melodica agiye kwitaba akamo k’umushikiranganji w’urwaruka
jeudi 2 Ndamukiza 2015
Akamo k’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama gaterwa abaririmvyi bahunze igihugu kubera imvo z’umutekano muke; karatanguye gukora kuri bamwe. N John ari mu ba mbere bipfuza kugaruka mu gihugu, n’indirimbo ariko asohora zirumvikana ko ashaka gutaha.

N John Melodica amenyesha ko agiye gutahuka vuba mu gihugu c’amavukiro. uwo muririmvyi avuga ati:"Ndasaba umutekano wanje wubahirizwe, umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama nk’uko yabivuze, nipfuzako umuntu agumana agateka kiwe". Indwi itangura n’iyo John ategekanya kuzozamwo naho adatomora umunsi. Ategekanya ko yoca agira igiteramo mu ntara ya karusi avukamwo neza neza i Bugenyuzi.
Aho mu buhungiro, N John yahakoreye indirimbo zitari nke zirimwo n’amasanamu, zimwe muri izo ni: Hakuna Mahali, Nsekera(video), My love, Ndagukunda, Ndagukumbuye Burundi (Nshasha) hamwe na Burundi yakoranye n’umuririmvyi Baino.
Tubibutse ko N John yahunze igihugu kubera itera bwoba yariko agirwa inyuma y’ururirimbo "Ndasavy’Ijambo" rwatsinze Isanganiro Awards mu mwaka w’i 2014.
Cherif Nkeshimana
Messages
22 Ruhuhuma 2017, 19:38, par Iratwongeye YOLAM AJWI KWIZINA JOHN FAYA
Urakaza Melodica Twaritubakumbuye