IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > indirimbo > Fizzo arahakana ko atari ikiburasoni, imburakimazi canke umusuma

Fizzo arahakana ko atari ikiburasoni, imburakimazi canke umusuma

mardi 21 novembre 2017

Mu ruririmbo "Qu’est ce qu’il y a" Fizzo yakoranye na Mr Champagne, rwumvikana Fizzo asa n’uwubaza ati :" Ni ibiki ?", naho biri uko, umuntu Fizzo abaza ntavugwa izina mu ruririmbo.

Muri urwo ruririmbo nyene, Fizzo araheza akisigura kuvyo aregwa n’umuntu atavugwa mu ruririmbo. Fizzo yisigura avuga ati :

" jewe si ndi umusuma,
jewe si ndi imburakimazi,
jewe si ndi ikiburasoni,
jewe si ndi bugabobwigaba.
Naramaze kuriha inzu yanje,
Naramaze kuri imodoka yanje,...

Fizzo arabandanya ati :" Nimba ngendana na mushikawe, nshobora kuba ndi muramwawe... raba ibikuraba.... ibindaba ndabikora.."

Ubwo butumwa butangwa mu ruririmi rw’igifaransa ibitari bimenyerewe cane kwa Fizzo. Ikindi n’uko ururirimbo "Qu’est ce qu’il y a", rwumvikana nabi cane, nkaho rwoba rwasohotse rutarahera gukorwa neza. Tukibaza tuti :" Mbega abaririmvyi barumviriza indirimbo zabo, imbere y’uko bazishira k’umugaragaro ?"

Tubibutse ko amajwi y’urwo ruririmbo yakozwe n’umuhinyanyuzi Yves Kolly, amasanamu nayo akaba ariko akorwa n’umuhinyanyuzi Andyllaires.

Umviriza aha munsi "Qu’est ce qu’il y a"


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.