Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Chansons > Bimwe mu vyemeza ko Sat b yoba akorana na Ikoh Multiservice
Bimwe mu vyemeza ko Sat b yoba akorana na Ikoh Multiservice
lundi 29 Kigarama 2014
Sat B aherutse gushira ahabona ururirimbo rushasha yakoranye n’umurwi w’abaririmvyi bo mu Rwanda. Muri urwo ruririmbo harumvikanamwo izina ry’uwurongoye Ikoh Multiservice bigatuma hari abibaza ko Sat b yoba afitaniye amasezerano na Ikoh naho bompi babihakana.
- Urban Boyz na Satb i Kigali
Kw’igenekerezo rya 23 Kigarama Sat B yaragiye mu gihugu kibanyi cu Rwanda gukorana n’umurwi "Urban Boyz’’ ruririmbo bise "Urankirigita". Muri urwo ruririmbo, Sat b aravugamwo izina rya Ikoriciza Haruna arongoye Ikoh Multiservice.
Ibindi vyemeza ko yoba yaravanye na Africana Sounds Records akaja muri Ikoh Multiservice, n’uko Sat B, iruhande y’ico cemezo, mu nyandiko atangaza kuri "facebook" yiwe yiyita "Ikohboy" bisigura "umuhungu wa Ikoh". Ivyo tubimenyereye aho umuririmvyi avuga izina ry’abamufashe mu mugongo.
Ivyo tubivuze kuko Ikoh Multiservice na Sat b ubwiwe bahakana ko ata masezerano bafitaniye. Hamwe Sat b yoba akiri muri African Sound Records vyoba vyumvikana mu ndirimbo nkuko yahora abigira. Ikindi kivyemeza n’uko igiteramo kiriko gitegurwa na SUPER LEVEL n’umurwi wa Urban Boyz bariko bafashwa na Ikoh Multiservice. Tutibagiye ko Sat B yagiye muri Kenya ku buryo butanzwe na Ikoh Multiservice.
Umviriza ururirimbo "Urankirigita" rwa Sat b na Urban Boyz
Cherif Nkeshimana
Messages
1er Ruheshi 2017, 11:04
Havyarimana.
30 Ruheshi 2018, 17:09, par Niyimbona Disimas
Bn Nanje Sat-b Ndamukunda Cane Nuririmvyi Nemera Gwos Indamubwiye Ndamubwiye At Pigap Sana Kugwego Agezeko Kandi Sat-b Arashoboye Kwl Nanje Ndamwemera Bivuye Kumutima Nabandanye Aterimbere Ntatwe Abakunzibiwe Tumurinyuma Twongera Tumusengera Okay Murakoz