IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Chansons > SatB yatanze intererano yiwe ijanye n’ibihe Uburundi burimwo

SatB yatanze intererano yiwe ijanye n’ibihe Uburundi burimwo

jeudi 7 Rusama 2015

Sat b nawe ariko yambaza Imana asa n’uwuyitwara ko asaba ko yokiza indwara Abarundi bafise. Ati:" Kera umwami yarubaha abagabo ariko ubu aho bigeze akaruta akandi karakamira".

Mu ruririmbo "Impemburo", Satb atakambira Imana aririmba ati:" Mana subira wiyerekane mu gutanga impemburo yawe mu mutima y’Abarundi, bafise ivyo bapfa hari ababigaye kuri turi batatu badatana mu ndagano. Ubayeho kubera ndiho naje ndiho ho kubera uriho. Nacumuye iki ko mbuze umutekano mu banje no mu vyanje? Basogokuru barayamaze bati :" Ineza yiturwa iyindi aho hari kera ivyo mbona ubu ineza yiturwa inabi kandi niko bimeze. Yezu yacishe kubw’icumuro vy’abana b’abantu, uwo murimyi we yoba azize iki?mbwira Mana. Igihe nzokubona nzokubaza igituma Abarundi barara inzara birirwa kandi ata ndya zibuze. Bantu, Ntimumere nka Yuda yaguze umwana w’Imana?.

Urwo ruririmbo rwakorewe muri Afro mUsic studio, avuga ko yarukoze kubera yabisabwe n’abakunzi biwe kugira avuge aho ahagaze ku bijanye n’ibiriko biba mu gihugu.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.