Inyuma y’igihe kitari gito adasohora indirimbo, Happy Famba yasohoye uririmbo yise "My Time". Happy Famba avuga ko umuntu wese afise umwanya wiwe.
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Happy Famba > Inkuru
Inkuru
-
Happy Famba yasohoye ururirimbo yitiriye umwanya wiwe
24 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA -
"Igihe ca Happy Famba" cashitse
8 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANAHappy Famba agiye gusohora ururirimbo inyuma y’amezi atanu n’atandatu ata boneka mu muzikiigihe kitari gito adasohora indirimbo. Ururirimbo rwahaye izina ry’urukurikirane ariko aheraheza.
-
Happy Famba ntiyigeze afatwa
12 Mukakaro 2017, par Jean de Dieu M.Haheze iminsi haca ku mbuga ngurukanabumenyi amakuru avuga ko Happy Famba yanyurujwe, n’ibindi. Ayo makuru arabeshuzwa n’uwo muririmvyi, agatanga n’umuco kw’izo nkuru.
-
Utunenge turi muri "Affiche" y’igiteramo ca Happy Famba
11 Ntwarante 2015Igiteramo ca Happy Famba kibonekamwo urutonde rw’abaririmmvyi benshi batari bwahurire mu giteramo na rimwe ari bose. Famba avuga ko bamwe bazoririmba abandi bakaba abashitsi. Icapa canditsemwo "Made in East Africa" ariko nta muririmvyi n’umwe wo mu karere yatumiwe.
Ku shusho y’igiteramo(Affiche) ca Happy Famba hariko urukurikirane rw’abaririmvyi bagera kuri 35 bose bo mu Burundi. Famba avuga ko bamwe muri abo baririmvyi bazomufasha guteramisha no kuryosha igiteramo, abandi nabo bahabwe (...) -
Happy Famba yakenyereye igiteramo co gushigikira abakenyezi
2 Ntwarante 2015MKALI WA Show canke Happy Famba ntagiye kuvyorosha inyuma y’ibiteramo n’ingendo yagize mu bihugu vyo muri kano karere, igiteramo agiye kugirisha vuba ni ico kwerekana ubuhinga n’ubumenyi yakuye mu mahanga. Famba ati:"Aho ngeze umuziki wanje si uwo mu Burundi gusa".
Igiteramo co kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 2015 muri Musee Vivant, Happy Famba ntavyorosha, ku nguvu zo gukora ibiteramo n’ubuhinga yakuye mu Kenya na Ouganda, arabona ko umuziki wiwe ugiye kubandanya ugera kure nk’uko umaze (...) -
Happy Famba arashimira Kidum
3 Ndamukiza 2013Umuririmvyi Kidum ku w’Imana w’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2013 yari yishikiye mu gihugu ciwe c’uburundi aho yari yitavye igiteramo catunganijwe na Brarudi mu ntumbero yo gufasha ababuriye ibidandazwa vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura.
Imbere y’uko asubira inyuma, Happy Famba amenyesha ko Kidum yamusigiye ubutumwa bugenewe abandi baririmvyi b’abarundi aho abasaba kureka kuririmba gusa kugira bamenyekane, ahubwo babikore kugira bagire aho bigejeje, kandi vyose bakabikore bicisha bugufi, (...) -
Intumbero Happy famba afise mu muziki abonako agenda ayishikako
28 Ntwarante 2013Umuririmvyi w’umurundi witwa Hassan Ibrahim akaba azwi kw’izina rya Happy Famba ubu avuga ko abona intumbero yiwe yihaye mu bijanye n’umuziki ,agenda azishikako uko iminsi igenda niko arushirizako gutera intambwe muri ico gisata.
Happy Famba avuga ko akiri muto yakunda umuziki cane kuburyo vyatumye agira intumbero yo kuzoba umuririmvyi ,akamenyekana nawe akazoheza agafasha abandi bataratera imbere mu muziki.
Aramaze kugira indirimbo ziwe zigera kuri mirongo ine, muri izo harimwo icumi (...)