"Igihe ca Happy Famba" cashitse

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 8 Gitugutu 2017 saa 01:51
Yasomwe : 3699
0 0

Happy Famba agiye gusohora ururirimbo inyuma y’amezi atanu n’atandatu ata boneka mu muzikiigihe kitari gito adasohora indirimbo. Ururirimbo rwahaye izina ry’urukurikirane ariko aheraheza.

"My time", ni izina ry’ururirimbo rugiye gusohoka hagati mu kwezi kwa Munyonyo uno mwaka. Mkali Wa Show yabwiye IGIHE ko izina ry’ururirimbo ritatowe giturumbuka. "My time" rishizwe mu Kirundi risigura "Umwanya wanje". Eka na Famba avuga wabaye umwanya wiwe wo kugaragara.

Ati : "Mu buzima, umuntu wese arafita igihe ciwe, iyo ubonye umuntu amerewe neza aba ari igihe ciwe. Eka no kubabara bifita igihe." Ubwo ni ubutumwa bugiye gusohoka muri "My Time".

Famba abandanya avuga ko urwo ruririmbo ruzosohokera mu mudiho wa afro-pop. Abandanya avuga ko ruzosohoka inyuma y’amezi ari hagati y’atanu n’atandatu ataboneka mu muziki. Kugira hahere ikiringo nk’ico ata ndirimbo canke vidéo asohoye, asigura ko ikintu ciza gisaba kwitonderwa. Asigura kandi ko urwo ruririmbo rutwaye izina rya Album igiye gusohoka.

Iyo Album izoba ibaye iya gatatu ya Famba. Izoba igizwe n’indirimbo icumi. Nta giteramo ariko arategura kuyisohoreramwo, narirya muri The Fighter Production ataco barabivugako.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha