Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Utunenge turi muri "Affiche" y’igiteramo ca Happy Famba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Happy Famba > Inkuru > Utunenge turi muri "Affiche" y’igiteramo ca Happy Famba

Utunenge turi muri "Affiche" y’igiteramo ca Happy Famba

mercredi 11 Ntwarante 2015

Igiteramo ca Happy Famba kibonekamwo urutonde rw’abaririmmvyi benshi batari bwahurire mu giteramo na rimwe ari bose. Famba avuga ko bamwe bazoririmba abandi bakaba abashitsi. Icapa canditsemwo "Made in East Africa" ariko nta muririmvyi n’umwe wo mu karere yatumiwe.

Ku shusho y’igiteramo(Affiche) ca Happy Famba hariko urukurikirane rw’abaririmvyi bagera kuri 35 bose bo mu Burundi. Famba avuga ko bamwe muri abo baririmvyi bazomufasha guteramisha no kuryosha igiteramo, abandi nabo bahabwe ibibanza vy’iteka. Naho biri uko, gushika ubu ntawuramenya urutonde ry’abaririmvyi bazoririmba n’abazohabwa ibibanza vy’iteka.

Kuri iyo shusho nyene, harinditsemwo "Made in East Africa", eka habonekamwo kandi amabendera y’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko. Naho birI uko nta muririmvyi n’umwe ava mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko yatumiwe muri ico giteramo, mu gihe hasigaye haboneka ubucuti hagati y’abaririmvyi bo mu karere. Uwo nyene Famba yaheruka mu gihugu ca Kenya kuremesha ibiteramo. Kuri ico Happy Famba avugako ari intango ari naco gituma yashatse gukorana n’abaririmvyi bo mu Burundi, ariko hanyuma azohora abatumira.

Tubibutseko igiteramo ca Happy Famba batazira Mkali wa show kizoba kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante kuri Musee Vivant, abigeme n’abagore bazokwinjira batarishe. Tubamenyeshe ko kuri uwo munsi nyene azoca ashira ahabona urukurikirane rwiwe rya kabiri yise "COLLABO".

Raba ibindi kuri iyi shusho iri munsi


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.