Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Happy Famba > Inkuru > Happy Famba arashimira Kidum
Happy Famba arashimira Kidum
mercredi 3 Ndamukiza 2013
Umuririmvyi Kidum ku w’Imana w’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2013 yari yishikiye mu gihugu ciwe c’uburundi aho yari yitavye igiteramo catunganijwe na Brarudi mu ntumbero yo gufasha ababuriye ibidandazwa vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura.
Imbere y’uko asubira inyuma, Happy Famba amenyesha ko Kidum yamusigiye ubutumwa bugenewe abandi baririmvyi b’abarundi aho abasaba kureka kuririmba gusa kugira bamenyekane, ahubwo babikore kugira bagire aho bigejeje, kandi vyose bakabikore bicisha bugufi, bakareka abakunzi babe aribo babashira hejuru.
Happy Famba yaboneyeho n’akaryo ko gushimira umuririmvyi Kidumu kubera ko intambwe ashitseko mu bijanye no kuririmba abikesha we mu mpanuro yagiye aramuha n’ivyo yagiye aramufasha.
Happy Famba avuga ko Kidum yamuhamagaye amubwira ko yashitse amahoro kandi ko yiteguye ko igihe cose yokenerwa n’igihugu ciwe atazoreka kwitaba.
Joel Sengurebe