Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Abakunzi ba Sat-B basubiriye kwerekana urukundo bamukunda mu giteramo (...)
Abakunzi ba Sat-B basubiriye kwerekana urukundo bamukunda mu giteramo ’’Indoto’’
lundi 8 janvier 2018
Igiteramo “Indoto” citabwe n’abakunzi b’umuziki benshi, eka mbere n’abaririmvyi benshi bari bahashitse kugira bafate mu mugongo “King” Sat-B. Clémentine Kavy akaba ariwe muririmvyi yatanguye kuririmba , yakurikiwe na Madiba,hakurikira Kingorongoro, na SwagaTeam.

Imbere y’uko Sat-B atangura kuririmba, barazimije amatara aho baririmbira, uwo muririmvyi akaba yararindiranywe igishika. Yararirimvye arabica biracika,aca ahamagara miss Erica , nabandi baririmvyi nka kebby kugira bamukorere mu ngata.
Abakunzi ba Sat-B ntibahengeshanyije kumusaba ngo agaruke abariwe abandanya kuririmba. Yarabumviye acaragaruka aca asozera igiteramo ku karirimbo gasanzwe gakundwa cane yise “Feel love”.
Muri ico giteramo ,haranzwe umunezo ntangere watumye n’imvubu isohoka mu mazi iza kwirabira ibiriko bibera muri ico giteramo “Indoto”.
.Ariko ngo nta “nyambo ibura agahonzi”. Ico giteramo cari gitegekanijwe ko gitangura isaha umunani (14h) catanguye igihe c’isaha cumi nazibiri zirenga.

Huguette NKURUNZIZA
Messages
25 juin 2018, 08:17, par Bigirimana innocent
Andika hano