IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Abakunzi ba Sat-B basubiriye kwerekana urukundo bamukunda mu giteramo (...)

Abakunzi ba Sat-B basubiriye kwerekana urukundo bamukunda mu giteramo ’’Indoto’’

lundi 8 janvier 2018

Igiteramo “Indoto” citabwe n’abakunzi b’umuziki benshi, eka mbere n’abaririmvyi benshi bari bahashitse kugira bafate mu mugongo “King” Sat-B. Clémentine Kavy akaba ariwe muririmvyi yatanguye kuririmba , yakurikiwe na Madiba,hakurikira Kingorongoro, na SwagaTeam.

Imbere y’uko Sat-B atangura kuririmba, barazimije amatara aho baririmbira, uwo muririmvyi akaba yararindiranywe igishika. Yararirimvye arabica biracika,aca ahamagara miss Erica , nabandi baririmvyi nka kebby kugira bamukorere mu ngata.

Abakunzi ba Sat-B ntibahengeshanyije kumusaba ngo agaruke abariwe abandanya kuririmba. Yarabumviye acaragaruka aca asozera igiteramo ku karirimbo gasanzwe gakundwa cane yise “Feel love”.

Muri ico giteramo ,haranzwe umunezo ntangere watumye n’imvubu isohoka mu mazi iza kwirabira ibiriko bibera muri ico giteramo “Indoto”.

.Ariko ngo nta “nyambo ibura agahonzi”. Ico giteramo cari gitegekanijwe ko gitangura isaha umunani (14h) catanguye igihe c’isaha cumi nazibiri zirenga.


Huguette NKURUNZIZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.