Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-b aravuga umuntu yikuye impuzu muri "Video" yiwe
Sat-b aravuga umuntu yikuye impuzu muri "Video" yiwe
jeudi 31 Myandagaro 2017, par
Ako gace k’isanamu kabonekamwo Sat-b, umuhinyanyuzi Kolly the Magic, Wallas, n’uwundi umwe tutashoboye kumenya. Mu mpera z’iyo sanamu haboneka umwe muribo akuye agashati yari yambaye. Sat-b ahejeje kumenyesha ko uwo yakuye agashambara ari umukunzi wiwe (Fan) yinjiye abasanga kwa Kolly, maze bafata akanya ko kuryoherwa nabo. Iyo sanama iboneka aha : https://www.facebook.com/satb257/videos/1303803609731911/
Tumubajije icamujanye kwa Kolly, Sat-B atubwira ko yari arangije igikorwa c’ururirimbo yakoranye n’umuririmvyikazi Clementine. Urwo narwo rukaba rwanaheze hasigaye ko rusohoka. Sat-b ntiyashimye kuvuga umutwe warwo.
Intumbero yo gukorana na clementine, Sat b avuga ko ari kunagura abaririmvyikazi b’abarundi batariko baboneka cane mu muziki w’Uburundi. Ururirimbo bakoranye tugiye kurubashikiza vuba.

Cherif NKESHIMANA
Messages
14 Munyonyo 2018, 17:31, par nakubarisana
dogdi