Sat-b yaraye ashimishije abakunzi biwe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 6 juillet 2017 saa 06:24
Yasomwe : 9423
0 0

Igenekerezo rya 05 Mukakaro wiriwe ari umunsi w’akanyamuneza ku banyeshuri n’abarezi, hamwe n’abandi bose bari bakumbuye kubona Sat-b mu giteramo ataco basabwe mu kwinjira. Ururirimbo ku rundi n’intambo ziyobeye z’umurwi Black Snakes, ni vyo vyaranze ivyo birori.

Abanyeshuri bo kuri Lycée du Lac Tanganyika biriranywe umutumire w’iteka mu birori vyo kwakira inyigisho zatunganijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya sida. Hamwe na Dj Israël na Dj B, na MC Nsavye Christian, Sat- b yarashoboye gukora igiteramo caryoheye abari bishikiye muri ico kibanza.

Zimwe mu ndirimbo ziwe zakunzwe gusumba izindi zaravugijwe. Sat-b yaratera bakitabira, eka harageze n’igihe bamwe mu banyeshuri bari aho baririmba mu kibanza ciwe. Sat-b ati : "Ibi birandyohera kuko binyereka ko ururirimbo rwakunzwe". Ivyo birori kandi vyunyuwe n’intambo n’utundi tugenegene tw’umurwi Black Snakes.

Sat-b, nk’umutumire w’iteka, niwe yasozereye ibirori. Ivyo navyo yabirangirije ku ruririmbo " Too much" rwaryoheye cane abari aho.

Twobamenyesha ko ico giteramo kititabwe n’abantu benshi kandi hari ku buntu. Bamwe n’abandi bakibazako ko kitatangajwe cane


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha