IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-B: kurya munkumbuye nanje ndabakumbuye

Sat-B: kurya munkumbuye nanje ndabakumbuye

dimanche 13 Ntwarante 2016, par Jean De Dieu

Umuririmvyi KARUME Abdool azwi kwizina rya Sat-b akomoka aha mugihugu c’Uburundi ubu asanzwe ariko akorera ibikorwa vyiwe vyumuziki mugihugu c’Urwanda amanyesha abakunzi biwe badahengeshanya kumubwira ko bamukumbuye mubiteramo mugihugu c’amavukiro,avuga ati:kurya munkumbuye nanje ndabakumbuye kandi ndabahoza kumutima.

Sat-b abandanya avuga ko yishimye cane kurukundo abakunzi biwe bamweretse biciye mukumutora kubuhinga bw’ubutumwa bugufi kugira azoserukire uburundi mumahiganwa ya Kora award 2016,mukiganiro twagirnye Sat-b yabandanije atubwira ko amatora yararangiye kandi vyaranezereye cane kumajwi naronse ico kikaba ari igice ca mbere c’ihiganwa ubu hasigaye ko tugenda mugihugu ca Namibia tugatana mumitwe turikumwe amaso kumaso nabarya baririmvyi musanzwe muzi bakomeye hono muri africa nka Diamond,Eddy kenzo n’abandi ariko ntabwoba kuko kwegeza iryo sango imbere nanje nguma nitegura.

Sat-b abandanya avuga koko vuba abagezaho indirimbo agiye gusohora yitwa"African girl"iyo ndirimboo ije iyindi aheruka gusohora kandi ikaba yarakunzwe cane yitwa "Nyampinga"


Nkurunziza Fabien-bill

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.