Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ashley Girukwishaka > Inkuru > Ashley Diva azoshigikirwa naba bitumwako mu giteramo yimirije
Ashley Diva azoshigikirwa naba bitumwako mu giteramo yimirije
jeudi 23 Munyonyo 2017, par
Inyuma y’igihe kitari gito ariko akorera mu gihugu ca Kenya, umuririmvyikazi Ashley agiye kuzoboneka mu giteramo ciwe. Ico giteramo kizorangwa hanini n’ishirwa ahabona rya "Video" y’ururirimbo "My Level" rumaze ikiringo kingana hafi amezi biri rusohotse.

Igiteramo ca Ashley kizobonekamwo bamwe mu baririmvyi basigaye ari ba bitumwako mu biteramo vyo mu Burundi. Aha turavuga, Big Fizzo, Vichou (Peace and Love). Kuri abo (biswe abatumire b’iteka) hiyongera Happy Famba Mkali Wa Show.
Si abo gusa, hari n’urundi rutonde rurerure rw’abaririmvyi batumiwe gushigikira mugenzi wabo kuri uwo munsi.
- Umuririmvyi Ashley
Tubibutse ko ururirimbo "My Level" rwavuzweko amajambo menshi, kuko ubutumwa Ashley yatanze yasa n’uwubwira uwundi, amubwira ko batangana. Ivyo biraheza bikanumvikana mu majambo ahereza urwo ruririmwo.
Umviriza aha munsi amajwi y’ururirimbo "My Level"
Cherif NKESHIMANA