Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ashley Girukwishaka > Inkuru > Inyambaro n’inyicaro vya Ashley Girukwishaka bivugwako vyinshi
Inyambaro n’inyicaro vya Ashley Girukwishaka bivugwako vyinshi
vendredi 23 Nzero 2015
Umuririmvyikazi Ashley Girukwishaka akunze kwifotoza amafoto akavurwako vyinshi, ubu hoho yashizeko ifoto aho asa n’uwari gusa.

Imwe mu mafoto azokoreshwa mw’isanamu y’ururirimbo rushasha "Wayawaya" iriko ivugwako vyinshi ku rubuga rwa facebook. Bavuga cane ku kuntu Ashley yari yicaye n’ukuntu yari yambaye. Bamwe babona ko Ashley asigaye yifotoza nka ba Rihanna, Miley Cyrus, ba Kim Kardashian n’abandi bagore n’abakobwa bo mu za Bulaya na Amerika.

Ivyo biri uko mu gihe uwo muririmvyikazi avuga ko azozana intambo nshasha mw’isanamu y’ururirimbo "Waya waya", reka turindire turabe uko iyo ntambo izoza imeze na rirya isanamu (video) yimirije gusohoka.

Umviriza ururirimbo"Waya waya" na Ashley Girukwishaka
Cherif Nkeshimana
Messages
24 Nzero 2015, 09:32, par Salim
hhh,,,ge ndibaza ko ,uko umuntu yokifotoza kose ari vyiza mugihe yoma abikunze mugabo jewe ndakunze uko amafoto yiwe ameze cane cane ikirango c’ibirenge vyiwe ^
24 Nzero 2015, 18:13, par Ikijuju
Yemwe uyu nyene naho ari kwibonekeza ngo arazi umuziki, mugabo nta gisusu kinini afise, ntanafise amaguru meza. Nkeka nta na mazi afise nk’amwe ya wa muganda Desire Lusinda. Mu bulili ntaryoshe. Abazi kunyaza bazomunyaze. Hemwe genda Ikijuju uri ikijuju nyene.
25 Nzero 2015, 00:47, par kiki
iyo nindero yamubany nke kand ntibimuberey na gato kweli!
28 Nzero 2015, 12:57, par desy
uyu mukobwa uravye amafoto yiwe, birabonekako yononekaye cne. uravye kuriyo foto, urabona umusaraba,uravye ingene yagize intoke ni position yo kurasa. donc yari yirashe mumutwe, alors cad; est une mort vivante. ivyo bikunda kugirwa naba ririmvyi bomu za buraya bafise amasezerano ’pact’ nama shetani’les demons. rindire video yiwe muzombwira.
3 Ndamukiza 2015, 11:49, par ade
turasavye ikinyamakuru igihe kidukurireko iyoshetani nasubize yoyakuye muburundi ntavyo dukeneye
4 Ndamukiza 2016, 21:57, par Gervais
Umuririmvyikazi .Ashiley Akwiye Kwisubirako Munyambaro
20 Kigarama 2016, 20:06, par NINDAMUTSA CLAVER
UYUMURIRIMVYI AKWIYEGUHINDURA INYAMBARO -IYONYAMBARO SIYO