IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ashley Girukwishaka > Inkuru > Umuririmyikazi Ashley yavanye muri Kenya intambo nshasha itazwi na hamwe (...)

Umuririmyikazi Ashley yavanye muri Kenya intambo nshasha itazwi na hamwe kw’isi

jeudi 8 Nzero 2015

Umuririmvyikazi Ashley yahora mu gihugu ca Kenya yahakuye ibitari bike bishobora ku mwungura ubwenge kandi bimufashe mw’itera mbere ry’umuziki wiwe. Yakoreyeyo indirimbo, yatanze ibiganiro ku nsamirizi hamwe n’amasezerano yagize yo kugurisha indirimbo ziwe.

Ashley yavuye mu Burundi aja muri Kenya yitavye ubutumire bw’umuririmvyi Chopha yashaka ko basubiramwo ururirimbo "Me Love you"rwa Ashley. Ashitseyo ntivyakunze kubera amahera Ashley yamusavye ntiyayatanze, uwo muririmvyikazi aca akora ururirimbo rwiwe yise "Wayawaya".

Ashley mu kiganiro n’ikinyamakuru igihe.bi, avuga ko mu ruririmbo "Wayawaya"yashizemwo intambo nshasha itari bwaboneke na hamwe kw’isi. Iyo rero izoboneka isanamu y’ururirimbo imaze kuja ku mugaragaro. "Wayawaya" ivugamwo umuhungu yari yihebuye asa n’uwaburaniwe, Ashley akamuhagara batambane intambo "wayawaya"kugira agarukane umunezero.

Ashley azogurisha indirimbo ziwe gute hama yunguke gute muri Kenya?

Uwo muririmvyikazi yagiranye amasezerano yo kugurisha indirimbo ziwe na Room Tech na Bonyeza Point. Kw’isoko hari indirimbo ziwe zibiri: Me Love you na Nkorako. Mu kwunguka bizovana n’incuro isanamu izorabwa "download" biciye mu vyobita "SMS Media", uko umuntu afyonda isanamu y’ururirimbo n’amahera azoba yinjiye. Uko amezi atatu aheze, Ashley azotora amahera azoba amaze kuboneka.

JPEG - 32.3 ko
Ashley ahejeje gushira umukono ku masezerano na "Room Tech"

N’intambwe ikomeye aho abaririmvyi b’abarundi basigaye baja kurondera isoko y’indirimbo zabo mu makungu. Ikindi basabwa gukora indirimbo z’akanovera hamwe n’amasanamu agezweho kugira indirimbo zabo zigugwe.

Asaba amashirahamwe y’abakorera ivy’abo ko yoterera mw’iterabere ry’abaririmvyi biciye mu gukoresha indirimbo zabo, iciza n’uko ayo mashirahamwe yunguka n’umuririmvyi akunguka.

JPEG - 70.1 ko
Ashley ari kumwe n’umumenyeshamakuru Fillo wa KBC Nairobi

Raba isanamu y’ururirimbo "Nkorako"iriko igurishwa mu gihugu ca Kenya.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.